Uko wahagera

Iperereza Kuri Trump

Perezida Trump
Perezida Trump

Perezidanse ya Reta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko itazokwitaba ubutumire bw’abashingamateka ku musi wa gatatu, kwumviriza ingingo zijanye n’ivanwa ku butegetsi ry’umukuru w’igihugu bizoba birongowe n’akanama k’abashingamateka bajejwe ubutungane.

Umukuru w’iyo komisiyo Jerrold Nadler yaratumiye Perezida Donald Trump hamwe n’abahanuzi biwe kwitabira iryo yumviriza rya mbere.

Ni mu gihe Trump azoba yitabiriye inama ya OTAN izobera mu Bwongereza muri iyi ndwi.

Trump yagirizwa guhagarika imiliyoni zishika 400 z’amadolari y’imfashanyo za gisirikare agenewe Ukraine, mu gusaba ko perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskiy abanza gutangaza ku mugaragaro ko agiye gutohoza kuri Joe Biden.

Biden ni umukandida w’umugambwe w’abademokrate bashobora kuzohiganwa mu matora yo mu mwaka uza wa 2020. Amwagiriza kurya ibiturire, ariko nta vyemeza biriho.

Perezida wa Amerika Donald Trump
Perezida wa Amerika Donald Trump

Umucamanza w'urukiko ku rwego rw'igihugu muri Amerika yaraye yemeje ko Donald McGahn wahoze ari umujyanama muri Perezidansi y’Amerika agomba kwitaba ubutumire bw’Inteko ishinga amategeko gutanga ubuhamya mu iperereza rikorwa kuri Perezida Donald Trump.

Umucamanza Ketanji Brown Jackson yavuze ko Perezida adafite ububasha bwo kubuza McGhan cyangwa undi muntu wese ukora muri perezidansi cyangwa wigeze kuhakora gutanga ubuhamya

Ubutegetsi bwa Trump burateganya kujuririra icyemezo cy’umucamanza Jackson. Uwunganira McGhan mu by’amategeko yavuze ko azubahiriza ubutumire bw’Inteko Ishinga Amategeko keretse gusa urukiko ruramutse rutegetse ko yaba abisubitse mu gihe hategerejwe ubujurire.

Abandi banze gutanga ubuhamya harimo Ministri w’ububanyi n’amahanga Mike Pompeo, uwahoze ari umujyanama mu by’umutekano w’igihugu John Bolton n’umuyobozi w’Ibiro bya perezida ku bw’ubusigire Mick Mulvaney.

Abademocrate basuzuma niba Perezida Trump akwiriye gukurwa ku butegetsi kubera kotsa igitutu Ukraine ngo ikore iperereza kuri Joe Biden. Uyu ni we bikekwa ko ashobora kuzemezwa n’ishyaka ry’abademokarate kuzahiganwa na Trump mu matora ya 2020, bizera ko aba bategetsi bashobora gutanga ubuhamya bw’ingirakamaro kuri icyo kibazo.

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG