Uko wahagera

Iperereza Kuri Trump

Madame Nancy Pelosi n'abayobozi ba za komisiyo mu mutwe w'Abadepite w'inteko ishinga amategeko y'Amerika
Madame Nancy Pelosi n'abayobozi ba za komisiyo mu mutwe w'Abadepite w'inteko ishinga amategeko y'Amerika

Umuyobozi w’Umutwe w’Abadepite mu nteko ishinga amategeko ya Leta zunze ubumwe z’Amerika, Nancy Pelosi, n’abayobozi ba Komite esheshatu z’uyu Mutwe, batangaje ku mugaragaro ibyo bateganya kurega Perezida Trump muri Sena.

Aba bayobozi b’Abademokarate bateraniye imbere y’itangazamakuru bavuga ibyo bashinja Perezida Trump, ariko nta kibazo na kimwe cy’abanyamakuru bemeye kwakira. Barega Perezida Trump ibyaha bibiri.

Icya mbere: gukoresha nabi umwanya w’umukuru w’igihugu mu nyungu ze bwite, yirengagije kandi ahungabanya inyungu z’igihugu. Bemeza ko Perezida Trump “yabikoze asaba igihugu cya Ukraine kwivanga no kumufasha mu matora ya perezida wa Leta zunze ubumwe z’Amerika yo mu 2020.”

Icya kabiri: gutambamira imikorere y’inteko ishinga amategeko. Abademokarate barega Perezida Trump ko “yishyize hejuru y’amategeko, hejuru y’abaturage n’inteko ishinga amategeko, akumva ko atagomba kubazwa ibyo akora.” Basobanuye ukuntu yanze gufatanya n’inteko ishinga amategeko mu maperereza irimo imukoraho. Bati: “Ibi birasenya demokarasi y’igihugu.”

Komite ishinzwe inzego z’ubutabera mu Mutwe w’Abadepite igomba kubanza gukora itora ryo kwemeza iki kirego. Nirangiza kucyemeza, izagishyikiriza Umutwe w’Abadepite wose nawo utore.

Abadepite nibemeza ikirego, Perezida Trump azaba abaye umukuru wa Leta zunze ubumwe z’Amerika wa gatatu mu mateka urezwe muri Sena igomba kumucira urubanza nyuma ya Perezida Andrew Johnson mu 1868, na Perezida Bill Clinnton mu 1999. Perezida Richard Nixon we yahisemo kwegura hakiri kare mu 1974 mbere y’uko Umutwe w’Abadepite usoza amaperereza wamukoragaho.

Hano I Washington mu nzu Inama nshingamateka ikoreramo, Abademokrate hamwe n’abarepublika barongoye umurwi w’abashingamateka ujejwe ibibazo vy’ubutungane, uyu musi ku wa mbere, bashikirije ivyiyumviro bihushanije vy’ukuntu babona ivyaha vyagirizwa Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump.

Impari zerekeye ivyo birego zashikirijwe, zabaye akataraboneka mu myaka yose 243 Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze. Bwabaye ubugira kane gusa prezida wa Amerika atohojwe ku birego bikomeye bishobora gutuma akurwa ku butegetsi.

Abaprezida babiri ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ni bo bonyene bamaze kwagirizwa ivyaha nk’ivyo. Yamara nta n’umwe muri bo yigeze akurwa ku butegetsi biciye muri iyo nzira.

Umukuru w’uyo murwi w’abashingamateka, Jerrold Nadler, yagirije Prezida Trump ko yashize inyungu ziwe imbere y’iz’igihugu. Yavuze ko Trump yasavye igihugu c’Uburusiya ngo kimufashe mu gutsinda amatora ya prezida mu mwaka w’ 2016, akongera agasaba ko igihugu ca Ukraine kimufasha mu matora ategekanijwe mu mwaka w’’2020.

Yamara umurepublika ari muri uyo murwi, Doug Collins ashigikiye Prezida Trump, yavuze ko naho Trump yari yasavye ko Ukraine gitohoza uwahoze ari visi prezida Joe Biden, ico gihugu ata kintu cakoze mu vyo casabwe, kandi cahavuye kironswa n’imfashanyo. Collins yavuze ko ata kintu na kimwe cotuma Prezida Trump yegukirwa n’ivyaha yagirizwa.

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG