gahunda y'itangazamakuru
05:30 - 05:59
Amakuru mu Gitondo
Amakuru y'uno munsi aza gushimikira ku mutekano wa Kongo: Bamwe mu bategetsi ba Kongo n'ingabo z'ico gihugu bahunze igisagara ca Bukavu. Ababa i Bukavu bavuga ko umwanya umwe bumva amasasu, uwundi bakumva hatekanye. Ubumwe bwa Buraya bwiteguriye gufatira ibihano u Rwanda ku mvo z'umutekano wa Kongo.
06:00 - 06:29
18:00 - 18:29
Amakuru y'Akarere
Umurwi wa M23 washitse hagati mu gisagara ca Bukavu, wongera wigarurira ibiro bikuru vy’ubutegetsi bw’intara ya Kivu y’Epfo. Prezida wa Kongo yamara, yemeza ko ico gisagara kikiri mu minwe y’abasirikare ba Kongo. Umupaka wa Rusizi ya 1 uhuza Bukavu n'akarere ka Rusizi mu Rwanda ucungerewe na M23.