gahunda y'itangazamakuru
13:00 - 13:29
Iwanyu mu ntara
Intumwa za Kongo n'iza M23 zizohurira mu biganiro i Luanda muri Angola mu ndwi iza. Human Rights Watch yagiriza M23 guhohotera impande zitandukanye zirimwo abamenyeshamakuru. M23 irabihakana. Bamwe mu banyagihugu ba Kongo bahungiye mu ntara ya Cibitoke mu Burundi bazokwimurirwa ahandi.
19:30 - 19:59
Amakuru ku Mugoroba
Umuryango wa SADC ugiye gutahura ingabo zayo zose ziri muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo. Perezida wa Amerika, Donald Trump, arasaba imishyikirano na Irani kuri porogaramu yayo ya “nucleaire.” Hagati aho, Amerika n’Uburusiya baraganira i Moscou ku gahenge ko guhagarika intambara yo muri Ukraine