Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryugaye ibiro vyaryo mu Burundi. Ibiro vy’intumwa idasanzwe ya ONU i Bujumbura vyari vyuguruwe mu mwaka w’2016, kugira iyi ntumwa ibe nk’umuhuza mu matati ya politike yadutse muri ico gihugu mu mwaka w’2015.
Uburundi ni bwo bwategetse ko ivyo biro vyugarwa, ONU na yo iravyemera. Izo mpande zibiri zisigura ko ubu" intumwa idasanzwe ya ONU ata gikorwa kinini igifise" kuko kubw’abo amahoro ariko aragaruka. Huang Xia, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere ka Afrika y’ibiyaga binini arashima intambwe igihugu kigezeko.
Huang Xia yavuze ati: “Uburundi n’abarundi bashitse ku ntambwe ishimishije mu kubungabunga amahoro no kunywanisha abonse rimwe, kuva mu mwaka w’2015. Ikimenyetso ca vuba ni inama iheruka guhuriza hamwe ibihugu 11 vy’akarere ka Afrika yo hagati biga ikibazo c’amahoro n’umutekano mu karere. Bigaragaraza ko Uburundi bwagarutse ku rubuga rw’ibikorwa bihuza amakungu, ONU ntishobora kuvyirengagiza. Ego ni ko haracariho agahaze, ni co gituma, ONU izogumiza ijisho ku Burundi biciye ku bakozi basanzwe, bari no mu bindi bisata vya ONU. Tuzoguma dufashanya no mu vyerekeye amahoro, umutekano n’iterambere”.
Uburundi butegeka ko ivyo biro vyo kugarwa bitarenze uyu mwaka, Reta yavuze ko igikorwa ca ONU caheze. Yamara, amwe mu mashirahamwe yigenga yo mu Burundi yoyo si ko abibona. Ayagera kuri 17 harimwo n’inani yandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU amuvunira akagohe ko yogumiza ijisho ku Burundi. Ayo mashirahamwe yigenga, abona ko indyane zitarahera ahubwo ko zahinduye isura.
Uburundi burahakana ivyo vyagiriji. Ubushikiranganji bw’imigenderanire busigura ko hari abashaka kwambika iceyi igihugu harimwo na zimwe mu ntumwa za ONU zagiye ziraca mu Burundi hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzakungu. ONU uko biri kose imenyesha ko itazokura akarenge burundu mu Burundi kuko izogumizayo ijisho ibicishije mu bindi bisata vy’iryo shirahamwe mpuzamakungu. Hari n’umugwi wa ONU wahawe igikorwa co gukora amatohoza ku mabi yose akorwa mu gisata c’agateka ka zina muntu. Umaze kongerwa ikiringo incuro zine kuva mu maka w’i 2016.
Ibendera ry’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryururukijwe i Bujumbura kuri uyu wa mbere ku mugoroba, ku biro vya ONU biri kw’ibarabara rya Gatumba, rishika ku mupaka wa Kongo, intumwa idasanzwe ya ONU mu karere ka Afrika y’ibiyaga binini ni we yakiriye iryo bendera, araribika, nk’ikimenyetso c’uko ONU ikuye akarenge muri ico gihugu. Ibi biro vyugawe inyuma y’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu na co nyene cirukanywe mu Burundi.
Intumwa zidasanzwe za ONU 3 ni zo zagiye muri ico kibanza cugawe. N’abo ni umunya Algeriya Saïd Djinnit, umunya Maroc Jamal Benomar n’umunya Burkina Faso Michel Kafando. Bose bavuyeho batanze imihoho canke banswe n’Uburundi. Aba ni bo baherekeje ibiganiro vyahuje impande zitandukanye i Arusha muri Tanzaniya, ibiganiro vyasozerewe ata masezerano ashitsweko mu myaka 5 vyamaze.
Umviriza ibindi muri iyi nkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru
Facebook Forum