Uko wahagera

Abatohoza ku Burundi Bemeza ko Amabi Abandanya mu Gihugu


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Umugwi w'abahinga bigenga batohoza ku bibazo vy'agateka ka zina muntu mu Burundi, IDHB, uvuga ko amabi yakomeje akorwa ukuri kwamye mu Burundi kuva aho prezida musha Evariste Ndayishimiye agiriye ku butegetsi naho mu majambo ashikiriza yerekana ko ashaka kugwanya ukudahana.

Abahinga basohoye icegeranyo kuri uyu wa kabiri basaba ONU n'ibihugu vya Bulaya biriko binagura imigenderanire n'Uburundi kubwira abategetsi ko amajambo y'umwizero n'ivyo basezerana bidakwiye guherera mu mvugo gusa. Iyo raporo y’impapuro 83 ivuga ko naho habaye agahengwe mu misi ya mbere yakurikiye irahira rya prezida Evariste Ndayishimiye, amabi yakomeje gukorwa atacamira.

Abayikoze bemeza ko ubwicanyi ndengerabutungane, uguhagarikira abantu ubusa, ukubaboreza igufa n’ukubanyuruza vyagumye vyibonekeza nk’uko vyari imbere y’amatora no mu myaka itanu ishize. Abayagirizwa ntibahindutse nk’uko ibindi vyegeranyo vy’uyu mugwi vyo muri kahise bivyerekana: Bavuga ko ari bamwe mu bagize urwaruka rw’imbonerakure, abagize inzego z’umutekano n’abakozi b’iperereza.

Muri rusangi, abayakorerwa ni abatavuga rumwe n’ubutegetsi na cane abanywanyi b’umugambwe CNL ufise benshi muri bo ku rubuga. Carina Tertsakian, umwe mu bahinga bakoze ico cegeranyo ca IDHB, L'Initiative pour les droits humains au Burundi), yabwiye Ijwi ry’Amerika ko imvo yibaza ituma abagirizwa aya mabi badahanwa ari uko "akenshi abantu bahagarikwa atari abantu bo ku rwego rwo hejuru. Abategeka ayo mabi, abategetsi, indongozi ku rwego rw’igihugu baguma biraramangiye".

Yongeraho ko ibi bidatangaje "kuko muri Reta harimwo abantu b’ijunja rinini ku rwego rwo hejuru ata nyungu bafise ko haba ubutungane kuri aya mabi bitewe n’uko abo bategetsi ubwabo bayagizemwo uruhara muri kahise”. Muri iyo raporo yasohotse kuri uyu wa kabiri, abahinga b’umurwi IDHB baranagiriza imwe mu mihari igwanya ubutegetsi bwa Gitega kuba yarakoze amabi arimwo ubwicanyi no gukomeretsa abantu uyu mwaka mu bitero yakoze.

Uwu mukenyezi yahoze ari umushakashatsi mukuru ku bibazo vy’Uburundi n’u Rwanda yanagarutse ku ngingo y’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano yo gukura Uburundi ku rutonde rw’ibihugu gakurikiranira hafi uko amezi atatu ashize hamwe n’inangurwa ry’imigenderanire hagati y’ubumwe bwa Bulaya n’ico gihugu co mu buseruko bwa Afurika.

Yagize ati: "Ingingo y’akanama ka ONU irababaje kubera mu biboneka ni ubutumwa bubi cane. Ndanatahura Abarundi batari bake bagize ico babivugako biyumva ko bahemukiwe n’amakungu kubera iyo ngingo. Ariko kandi uwoshaka kugira umwihwezo vy’ukuri, akanama ka ONU ntikigeze kagira ikintu kiboneka gakora n’ubwo Uburundi bwari kuri urwo rutonde rwako".

Terstakian muri ico kiganiro n'Ijwi ry'Amerika yahamagarira ibihugu vya Bulaya vyatangaje kuri uyu wa mbere ko vyifuza kunagura imigenderanire n’Uburundi gufata ako karyo kugira bisabe abategetsi kuvavanura n’ingeso yo kudahana. Uwo mwitwarariko, Claude Bocu aserukira umuryango wa Bulaya yemeje ko uri mu vyo baganiriye n’umukuru w’iguhugu c’Uburundi aho yamwakira n’abandi baserukira ibihugu vy’iryo shirahamwe kuri uyu wa mbere i Bujumbura.

Abahinga batatu banditse kino cegeranyo ca IDHB bamenyesha ko bandikiye abategetsi benshi uhereye k’umukuru w’igihugu kugira bavuge kuri ibi vyagiriji ariko hishuye umwe gusa ari we Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji wa mbere, yababwiye ko amashirahamwe mpuzamakungu mu kuvugana n’abategetsi b’igihugu babwirizwa kubicisha ku bushikiranganji bw’imigenderanire. Ubwo ntaco bwavuze bwandikiwe kugira bubabwire uburyo bwiza bwo kuronka inyishu ku ndongozi z’Uburundi.

Naho ata kinini Reta yashikirije, incuro zitari nke, abategetsi b’Uburundi bagirije amashirahamwe mpuzamakungu gusohora ama raporo y’ibinyoma acafuza igihugu bitewe n’uko ihirikwa ry’ubutegetsi yagambiriye muri 2015 atarishitseko.

Arahira kwinjira mu mabanga, Evariste Ndayishimiye yashimangiye ko “ igihugu ciwe kitigishwa ukubahiriza agateka ka kiremwa muntu kuko kanatsinda bisanzwe biri mu mico y’Abarundi”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG