Uko wahagera

Uburundi na Tanzaniya Vyagirizwa Guhohotera Impunzi z'Abarundi


Bamwe mu Barundi bahungiye muri Tanzaniya
Bamwe mu Barundi bahungiye muri Tanzaniya

Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU mu vyerekeye agateka ka zina muntu, baratewe impungenge n’« ihonyangwa ry’agateka k’impunzi » z’Abarundi bahungiye muri Tanzaniya.

Mw’itangazo abo bahinga basohoye kuri uno wa kabiri, basavye abategetsi ba Tanzaniya n’Uburundi kwubahiriza amategeko akingira impunzi n’abagisaba ubuhungiro. Abo bahinga basiguye ko bafise amakuru yemeza y’uko hari Abarundi bahungiye muri Tanzaniya bicwa, bahohoterwa, baburirwa irengero, baterwa ubwoba, abandi bagatahukanwa mu gihugu cabo ku nguvu.

Muri iryo tangazo, abo bahinga bemeza ko inzego zijejwe iperereza mu Burundi zifatikanije n’izo muri Tanzaniya akatari gake zihagarika mu buryo buteye kubiri n’amategeko bamwe mu barundi bahungiye muri ico gihugu. Mu bahagarikwa, bamwe baricwa, abandi bakaburirwa irengero, abandi nabo bagahohoterwa canke bagasubizwa iwabo ku nguvu.

Hambavu ya politike, abo bahinga bavuga ko yashizweho na Tanzaniya mu ntumbero yo kugumiza mu makambi impunzi kugira ntizishobore gusohoka, abo bahinga ba ONU bavuga ko Tanzaniya yaburabuje impunzi ku buryo zibayeho mu bwoba bwinshi bwo kunyuruzwa n’abajejwe inzego z’umutekano, babatwara ahataramenyekana canke bakabatahukana ku nguvu mu Burundi.

Abahinga ba ONU muri iryo tangazo bashimangiye ko amakuru bafise yerekana ko bamwe mu batavuga rumwe na Reta y’Uburundi bahungiye muri Tanzaniya bagenderezwa n’abiyoberanya bakigira impunzi. Abo bahinga babandanya basigura ko umutekano mu makambi utacizewe bivuye ku bakorera iperereza ry’Uburundi, binjira mu makambi biyita impunzi, hanyuma bakarobanura abo inzego z’umutekano za Tanzaniya zita muri yompi.

Bamwe mu Barundi bahungiye muri Tanzaniya bibwiriye ubwabo ONU ko bamwe muri bo hariho abahagaritswe na polisi ya Tanzaniya bakaburirwa irengero, abagize Imana nabo ntibaburirwe irengero bagahohoterwa, hanyuma bakaja gusinyishwa ku nguvu urupapuro ruvuga ko bipfuza gutahuka mu gihugu cabo. Hari n’abasabwa amafaranga imbere yo kurekurwa nk’uko abo bahinga ba ONU babandanya babivuga.

Abenshi mu bahagarikwa babazwa ibibazo birimwo ibibagiriza kuba mu mirwi irwanya ubutegetsi bwo mu Burundi, abandi nabo bakagirizwa gutunga ibirwanisho batabifitiye uburenganzira. Ivyo vyose, vyatumye hari Abarundi batari bake bahisemwo gusubira mu gihugu cabo bivuye ku bwoba bw’umutekano nk’uko abahinga ba ONU babisigura mw’itangazo ryabo.

Abo bahinga bibutsa ko iki kibazo reta y’Uburundi yemeye kugikorako amatohoza mu kwezi kwa munani ko mu 2020 naho kugera ino saha ataco irakivugako ku mugaragaro. Muri iryo tangazo, babwira Reta y’Uburundi ko yari ibwirijwe kureka « gutoteza abanyagihugu bayo barimwo abahunze. »

Ku rundi ruhande, abo bahinga ba ONU mu vyerekeye agateka ka zina muntu bemeza ko Reta ya Tanzaniya itayobewe amabi ariko akorerwa abarundi bahungiye ku butaka bwa Tanzaniya, bagasanga nayo nyene yari ikwiye gufata ingingo ikavavanura n’ « ingendo yo gutoteza impunzi z’Abarundi »

  • 16x9 Image

    Diane Nininahazwe

    Diane Nininahazwe akorera igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda kuva mu 2015. Imbere yo gutangura gukorera ku cicaro gikuru i Washington-DC nk'umumenyeshamakuru n'uwushinzwe imbuga ngurukanabumenyi z'ico gisata (Digital Lead), yakoreye Ijwi ry'Amerika mu Burundi, i Buraya ku murwa mukuru w'Ubudagi i Berlin, no mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California iri mu burengero bushira ubumanuko bw'Amerika. Umwuga wo kumenyesha amakuru yawutanguye mu 2004 aho yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo iradiyo yigenga Bonesha Fm n'ikimenyeshamakuru c'Abafaransa, Le Point Afrique. Imbere yo gukorera Ijwi ry'Amerika, Nininahazwe yarakoze nk'umumenyeshamakuru yigenga ibiganiro vy'amashirahamwe yigenga arimwo iryo mu Buholande, La Benevolencija, iry'Abanyamerika, PSI, iry'Abadagi, EIREN, na CED-Caritas Burundi. Kuva mu 2011, ari mu murwi w'abamenyeshamakuru igisata ca ONU kiraba ivy'ubutunzi, UNECA, gikoresha nk'abigenga mu gukurikirana amanama mpuzamakungu ku vy'ihindagurika ry'ibihe n'iterambere rirama. Afise impamyabushobozi ya kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru mu bijanye n'iterambere (Communication Pour le Développement), n'urupapuro mu vy'umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi (Multimedia Journalism). Amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu vy'ukumenyesha amakuru burimwo bubiri mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG