Uko wahagera

Abasirikare b'Uburundi Boba Bafise Ibirindiro muri Kongo?


Bamwe mu basirikare b'Uburundi mu birori vyo kurahiza Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Bamwe mu basirikare b'Uburundi mu birori vyo kurahiza Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Kuva itariki icenda uku kwezi kwa gatatu haravugwa abasirikare b'abarundi bajabutse uruzi Rusizi baja gushinga ibirindiro mu misozi miremire ihanamiye igisagara ca Uvira muri Kivu y'Ubumanuko mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo. Bamwe mu banyagihugu baba muri komine Buganda intara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi bemereye Ijwi ry’Amerika ano makuru, bavuga ko ubwabo biboneye abasirikare b’abarundi bajabuka uruzi Rusizi rugabura Uburundi na Kongo kuva kw’itariki ya gatatu uku kwezi.

Aya makuru yemezwa kandi na bamwe mu bakuru b’imitumba muri groupement ya Sange iri muri Territoire ya Uvira muri Kivu y’ubumanuko. Amashirahamwe yigenga muri Kongo nayo abishimangira avuga ko zimwe mu ngabo z’abarundi zajabutse Rusizi zerekeza mu misozi ihanamiye Uvira muri izi ndwi zibiri ziheze. Bernard Kadogo Tondo, atwara amashirahamwe yigenga mu kiyaya ca Rusizi yabwiye Ijwi ry’Amerika mu kiganiro yarihaye ko aba basirikare mu kurondera inzira banatanye mu mitwe gato n’urwaruka rucungera umutekano ruba ruri ku marondo mw’ijoro.

Muri ico kiganiro n'Ijwi ry'Amerika Tondo yagize ati: «Harinjiye abasoda b’abarundi bafitaniye amasezerano na Mai Mai Mbulu Kamale, yabayoboye baca Sange kandi bari mu misozi ihanamiye igisagara ca Uvira. Baciye Sange, hama baraduga hejuru cane ubu bamwe bari ku Kiryama mu gihe abandi bari mu duce dutandukanye." Uyo ari mu baharanira agateka ka zina muntu muri ico kiganiro yabandanije agira ati: "Jewe nk’umwe mu barongozi b’amashirahamwe yigenga mu kiyaya ca Rusizi, mfatiye ku vyo niboneye n’ivyo twumvise ndemeza ano makuru. Abanyuma bashitse ari sa mbiri z’ijoro kandi baranatanye mu mitwe n’urwaruka rucungera umutekano w’igisagara, ariko uru rwaruka rwisanze rutari buhangane n’aba basirikare b’abarundi bari binjiye. Uko n’ukuri abasoda b’Uburundi barahari uyu musi mu misozi ya Kongo ».

Colonel Floribert Biyereke avugira igisirikare c'Uburundi ahakana ano makuru yivuye inyuma, akavuga ko ari ikinyoma cambaye ubusa. Mw'itangazo ry'umunota umwe n'amasogonda atanu Colonel Biyereke yasomeye abamenyeshamakuru ahakana ivy'ano makuru ku munsi wa kane, yavuze ko abatanga aya makuru bashaka kwonona ishusho y’ingabo z’Uburundi. Inyuma yo gusoma iryo tangazo, Biyereke yirinze ariko kwishura ibibazo vy'abamenyeshamakuru yari yatumiye ababwira ko ata kindi co kongera ku vyo yabasomeye kihari.

Bernard Kadogo Tondo atwara amashirahamwe yigenga mu kiyaya ca Rusizi we mugabo yemanga ko abasirikare b’abarundi bamaze no gushinga ibirindiro akibaza ko igisikare ca Kongo kirerekera naco abarundi. Yabwiye Ijwi ry'Amerika ati: « Twebwe twiyumvira ko hari amasezerano hagati y’igisirikare c’Uburundi n’ica Kongo kuko iyo binjiye ntibashaka ko aya makuru ashirwa ahabona. Ni co gituma bahakana ko ata gisoda c’Uburundi kiri muri Kongo. Ariko uvuye kw’ibarabara numero ya gatanu rya Kongo riva Bukavu kugera Uvira, ujanye rino barabara aho rica hose ukerekeza mu misozi, usanga hari urudavagi rw’abarundi n’abanyarwanda, imigwi itandukanye za Mai Mai ni bo bica bagakiza muri ako gace. Igisirikare c’igihugu kigaba ibarabara gusa. Ariko mu mihana y’ama groupements ya Kigoma na Bijombo n’ahandi hose hiyo mu mitumba, n’uduce twiziziwe n’abagizi ba nabi nka Mai Mai na FNL hamwe rero n’aba basirikare b'Abarundi kuko nabo bahashize ibirindiro vyabo. Ni ukuri, Uburundi ntibwohakana kuko abantu babonetse ku murango riva binjira. Vyatangaje abanyagihugu cane. Abantu bwarafutse umunwa. Ni ukuri nta kinyoma kirimwo na gato »

Intara ya Kivu y’ubumanuko imaze imyaka irenga 20 ivugwamwo imigwi y’abagwanyi y’abakongomani n’iy’abanyamahanga irimwo iyiyobowe n’abarundi nka FNL na Red Tabara. Incuro zitari nke igisirikare c’Uburundi carezwe kurungikayo ingabo zaco zija gutuza iyo mitwe ubutegetsi buriho mu Burundi ariko kikabihakana. Muri ako gace k’ubuseruko bwa Kongo haranavugwa kandi imirwi yitwaje ibirwanisho igwanya ubutegetsi bw'u Rwanda.

Ibindi ni muri ino nkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge-Willy Kaneza.

Abavuga ko Babonye Abasirikare b'Uburundi muri DRC Bababonye Ryari?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:24 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG