Uko wahagera

Abaharanira Agateka ka Muntu mu Burundi Ntibavuga Rumwe


Bamwe mu baserukira imiryango itagengwa na reta mu Burundi bari muri Sentare muzamakungu i La Haye, 12/05/2018
Bamwe mu baserukira imiryango itagengwa na reta mu Burundi bari muri Sentare muzamakungu i La Haye, 12/05/2018

Indyane za politike zadutse mu Burundi mu mwaka w’2015 zatumye igisata c’abaharanira agateka ka zina muntu gicikamwo kubiri, bamwe barahunga abandi basigara mu gihugu.

Italike 9 z’ukwezi kwa 12 uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira abaharanira agateka ka zina muntu. Mu myaka 5 iheze, mu Burundi abakorera muri ico gisata bamwe barahunze abandi baguma mu gihugu. Bamwe bagiriza abandi ko bakorana na reta. Yamara abandi bakagirizwa ko bakorana n’abarwanya igihugu. Iyo migwi ibiri ntibona kumwe ingene agateka ka zina muntu kifashe, gusa bose barahuriza ko ako gateka gakwiriye kubahirizwa.

Indyane za politike zadutse mu Burundi mu mwaka w’2015 zatumye igisata c’abaharanira agateka ka zina muntu gicikamwo kubiri, bamwe barahunga abandi basigara mu gihugu.

Eulalie Nibizi, atwara urunani rw’abo, Coalition Burundaise des Défenseurs des Droits de l’Homme, (CBDDH), yatangarije Ijwi rya Amerika ko kuri uyu munsi hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wabahariwe, abahunze igihugu, babona ko imyaka itanu iheze yabaye mibi muri ico gisata.

Ku rundi ruhande, abatahunze bakorera muri ico gisata bagiriza ba Nibizi n’abo bakorana ko ibikorwa vy’abo ari nk’ivy'umwansi w’igihugu.

Gerard Hakizimana, atwara ishirahamwe Folucon F rigwanya ikimenyane na ka mwana wa mama, avuga ko abavuga igihugu ukutari ko bagamije gusubiza inyuma itsimbatazwa ry'agateka ka zina muntu. Abagiriza kuvuga ivyo kugira bashike ku nyungu zabo no kugera ku butegetsi budaciye mu matora.

Imyaka itanu iheze, n’abakorera mu gihugu bavuga ko itaboroheye kuko baburabujwe n’ibikorwa vyabo vyo gukingira agateka ka zina muntu.

Reta y’Uburundi yiyemeza ko itazohengeshanya gukingira agateka ka zina muntu n’abagaharanira. Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa Reta yabivuze kuri uyu wa kabiri ariko arashima ingingo y’inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yo gukura Uburundi ku rutonde rw’ibihugu bibangamiye umutekano kw’isi.

N’aho biri uko, iyo reta yagirizwa guhohotera ako gateka, ndetse abashingwamanza baramaze gushikana amadosiye atari make muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI, y’abakekwaho ayo mabi. Nkuko Maitre Lambert Nigarura ni umwe muri abo bashingwamanza yabibwiye Ijwi ry'Amerika.

Urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi rwemeza ko ibice birenga 80 ku ijana vy’abo, basigaye bakorera hanze y’igihugu.

Kuri uyu munsi, ONU isaba amareta kw’isi gukingira abitangira abandi mu gukingira agateka ka zina muntu. Mw’itangazo ryayo, ONU yibutsa ko abo bakwiye gukora ataho bahengamiye, haba kuri reta canke ku migwi igwanya reta.

Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Abaharanira Agateka ka Muntu mu Burundi Ntibavuga Rumwe
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:53 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG