Uko wahagera

Michel Kafando, Intumwa ya ONU mu Burundi, Izosezera


 Michel Kafando yahoze ari perezida w'imfatakibanza wa Burkina Faso
Michel Kafando yahoze ari perezida w'imfatakibanza wa Burkina Faso

Intumwa ya ONU ku Burundi, Michel Kafando, yatangaje kuri uyu wa gatatu ko ategekanya kuva muri ayo mabanga amazemwo imyaka ibiri. Vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Kafando yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi ko icuka kitifashe neza mu Burundi kandi afise amakenga ku matora yimirije mu 2020.

Ku bwiwe itunganwa nabi ry’amatora hamwe n’abahakana ibiyavamwo ni vyo bituma Uburundi bwama mu ndyane, ariko avuga ko yizeye ko aya matora yimirije azoba mu muco.

Kafando avuga kandi ko ibijanye n’umutekano mu Burundi vyagiye bitera imbere, ariko ko reta ikwiye gutunganya icuka c’ibiganiro vya politike. Ariko anegura ko ata ntambwe zashitsweko mu biganiro hagati y’abegwa n’ibibazo vy’Uburundi, vyatunganijwe n’umuryango w'akarere k’Afurika y’ubuseruko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG