Burundi: Inyigisho za Gisirikare ku Bahejeje Amashure Yisumbuye

Abanyeshuri bo kuri Koleji Delta Gatumba

Umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, amenyesha ko urwaruka ruhejeje amashure yisumbuye ubu rugiye kuzohora rubanza kwigishwa ibijanye na gisirikare imyaka 2 imbere y'uko babandanya amashure ya kaminuza.

Reverien Ndikuriyo yemeza ko vyavuye mu nama ya komite nkuru y'umugambwe ayobora. Avuga ko ubushikiranganji butandukanye bubijejwe butegerezwa gutangura gutunganya amategeko yo kubishira mu ngiro.

Umushingwamanza Dieudonnee Bashirahishize asigura ko iyi ngingo irimwo ukurenga amategeko kubera ibwirizwa nshingiro rivuga ko bene ibi bikorwa bitegerezwa kwemezwa n'inama nshingamateka yonyene.

Ibindi kuri ino nkuru n'umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.

Your browser doesn’t support HTML5

Kuki Uburundi Bugiye Kwigisha Urwaruka Ivya Gisirikare?