Uko wahagera

ONU: Ubutegetsi Bushasha mu Burundi Ntaco Bwahinduye


Doudou Dienne atwara umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ukora amatohoza ku Burundi
Doudou Dienne atwara umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ukora amatohoza ku Burundi

Umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ukora amatohoza ku Burundi washikirije raporo y’awo imbere y’abagize akanama kubahiriza agateka ka zina muntu, i Geneve mu Buswise. Umunya Sengal Doudou Diene atwara uwo mugwi yemeje ko wari witeze ko ibintu bihinduka ku butegetsi bushasha, ariko ko atacigeze gihinduka mu vyerekeye ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.

“Turi nko mu mayira abiri yaba twebwe umugwi ukora amatohoza canke abarundi ubwabo. Ikibazo nyamukuru n’ukumenya nimba ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu twavuze akatari gake ko rizobandanya, rizokongerekana bikabije canke ko rizohagarara. Hanyuma icuka ca politike coba kigiye gusubira kuba ciza, ukutihanganiranira mu vya politike guhere abantu bashikirize ivyiyumviro vy’abo ataco binona.

Ubu ico twabonye muri iyi raporo ni uko ata kintu na kimwe cigeze gihinduka. Abaharanira uburenganzira bwa muntu, abamenyeshamakuru, abakorera amashirahamwe yigenga, abakekwa ko batavuga rumwe na reta, aba bose ntibatekaniwe kuko baraburabuzwa mu kazi kabo, bagafungwa abandi bakanyuruzwa, hari n’abakenyezi bakubagurwa. Twebwe tuzoguma turikanuye ku biriko biraba vyose mu gihugu”.

Muri iyo nama yabereye ku buhinga ngurukana-bumenyi bw’amasanamu ari n’aho na twebwe twayikurikiraniye, uwuserukira Uburundi muri ONU, ambassadeur Tabu Renovat, yateye ivyatsi iyo raporo. Ku bwiwe, abagize uwo mugwi w’amatohoza bacudiste n’abatavuga rumwe.

“Nk’Intumwa z’Uburundi turemeza ko twabonye raporo y’abahinga ba ONU ku Burundi. Iyi nama ibaye inyuma y’amatora yagenze neza mu mutekano n’intwaro rusangi aho Abarundi bitoreye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Iyi raporo yuzuyemwo ibinyoma n’ibitutsi, ku buryo yari ikwiye kwamirirwa kure. Ni raporo yerekana ko abahinga ba ONU bahinduye intumbero ahubwo bifuza gutembagaza ubutegetsi bwa Cndd-Fdd. Uwu mugwi ntunyegeza ko ushigikiye abatavuga rumwe na reta, ukerekana akababaro ufise kubera umugambwe CNL watsinzwe mu matora. Ivyo bigaragarira mu marementanya y’ibibi vyoba vyarakozwe canke bizokorwa n’umugambwe Cndd-Fdd, kanatsinda washinzwe hahonyanzwe n’amategeko ya ONU." Uko niko ambasaderi Tabu yishuye

Yabandanije agira ati: “Kuva mu maka w’2015, Uburundi bwarateye intambwe iboneka mu kubahiriza agateka ka zina muntu. ONU ikwiye kubibona maze ibikorwa vy’uwu mugwi usohora ama raporo ahohotera agateka k’Abarundi bihagarikwe. Uburundi ntibusamazwa n’ibi ahubwo turabandanya akazi ko gusubiza ibintu mu buryo. Ubumwe bwa Bulaya buhindure ingendo, nyabuna ntibubandanye guha amategeko Uburundi, ahubwo habe ukubahana hagati y’ibihugu. Turiteguriye gufashanya n’ibihugu n’amashirahamwe biri muri iyo nzira, murakoze”.

Ubwo Bumwe bwa Bulaya butungwa urutoke n’Uburundi, Intumwa y’abwo isaba ko nyabuna hosubira kunagurwa ikiyago ca politike hagati ya Reta n’abo batavuga rumwe. Mu majambo yiwe yagize ati: “Amatora aheruka kuba n’umukuru w’igihugu mushasha ni ikimenyestso ciza co guhindura ibintu no kubahiriza agateka ka zina muntu. Ariko ibiri ku rubuga ntibihumuriza kuko uyu mugwi umaze imyaka ine werekana ko uburenganzira bwa muntu buguma buburabuzwa. Dusaba Reta kugarukana icuka ciza n’ikiyago ca politike n’abo batavuga rumwe, kurekura infungwa za politike, abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bafungiwe ubusa, gusambura umugwi w’inkorabara (Militia) w’urwaruka rw’imbonerakure n’ibindi”.

N’ayo intumwa y’Ubufaransa irajwe ishinga n’uko abakora ayo mabi badahanwa, mw'ijambo ryiwe na we yavuze ko “Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ayandi mabi biri mu ma raporo y’uyu mugwi biteye amakenga. " Ubufaransa bwibukije ko burwanya ukudahana ivyaha, bugahamagarira abategetsi b’Uburundi gushengeza abagirizwa aya mabi, bwongera busaba ko bokorana mbere na sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI kugira ivyaha bihanwa n’iyo sentare ababikoze na bo bashengezwe. Ubugetsi bushasha bube akaryo keza ko gusohoka mu mabi yaranze Uburundi kuva mu mwaka w’2015, kugarukana icizere no kubahiriza uburenganzira bwa muntu”.

Bitegekanijwe ko inyuma y’iyi raporo, ONU izofata ingingo yo kwongereza canke guhagarika ikiringo c’uwo mugwi ukora amatohoza ku Burundi, washizweho mu mwaka w’2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG