Amashirahamwe arenga 50 akorera hagati mu gihugu mu Burundi yandikiye inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu ayisaba kudahirahira kongera ikiringo umurwi ukora amatohoza ku vyaha vyoba vyarakozwe mu Burundi kuva muri 2015.
Aya mashirahamwe akunze gufatwa nk’ayegereye ubutegetsi mw’ikete yarungikiye ishirahamwe mpuzamakungu mu mpera z’ukwezi kw'umanani kwarangiye kuri uyu wa kabiri, amenyesha ko hatewe intambwe zitari nke mu Burundi mu vyerekeye agateka ka muntu kuva inyuma y’amatora y’umwaka uheze.
Ayo mashirahamwe arimwo ay’urwaruka, abakenyezi kugeza no kuyakorera mu gisata c’amagara y’abantu asigura ko ubu bigaragara ko Abarundi batahuye kubana neza mu mahoro.
Uko arenga 50 abeshuza ikindi cegeranyo casohowe n’amashirahamwe 43 y’Abarundi, ayo mu karere na mpuzamakungu yari yasavye ku wa 18 uku kwezi guheze inama ya ONU ijewe agateka ka muntu kugumiza ijisho ku Burundi. Aya yemeza ko muri ico gihugu hakirangwa ubwicanyi bw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’abikekwa kubugwanya, ukubanyuruza, ukubafungira ubusa, ukubaboreza igufa n’ayandi mabi.
Gerard Hakizimana, umukuru w’ishirahamwe Folucon F rigwanya ikimenyane na ka mwana wa mama ari kw’isonga ry’abasinye iryo kete Ijwi ry’Amerika rifitiye kopi, avuga ko abanditse ivyo bahuguza bitewe cane cane n’uko batibonera ukuri mu gihugu.
Ariko Lewis Mudge, umuyobozi w’akarere ka Afurika yo hagati mw'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, rimwe mu yifuza ko Uburundi buguma busuzumirwa hafi, afise umwihwezo utandukanye n’uwa Hakizimana.
Avugana n'Ijwi ry'Amerika ku murongo wa telefone, yavuze ko mu gihe umurwi wa ONU woba udahari, nta buryo bundi na bumwe bushoboka mu Burundi bwo gutororokanya ibiba mu gisata c’agateka ka zina muntu.
Ati: "Ni nayo mpamvu dusaba ko hagumaho ijisho ryamaho kandi ryegereye Uburundi. Nta mpinduka ziboneka zo guhangana n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi na cane cane iryakozwe muri 2015".
Yamara Hakizimana atwara Folucon F abifata nk’uguhumba. Avuga ko ata gihugu na kimwe uburenganzira bwa muntu bwubahirizwa ijana ku rindi. Yemeza ko mu Burundi hatewe intambwe 'iboneka' mu vyerekeye iyubahirizwa ryabwo ndetse no mu vyerekeye kubanisha neza Abarundi. Atanga uburorero kuri zimwe mu nzego z'ubutegetsi zashizweho zishinzwe kubahiriza ivyo vyose.
Lewis Mudge we atanga ibindi vyemezo bivuguruza ivyo umukuru wa Folucon F avuga.
Agira ati: "Muri iyi misi iheze twabonye raporo ivuga ko hari ibiziga bitorwa mu ruzi Rusizi, twebwe natwe nka Human Rights Watch turabandanya amatohoza ku bantu banyuruzwa bakaburirwa iyambu burundu hamwe n’ababorezwa igufa".
Uyu Munyamerika yankiwe kubandanya gukorera mu bihugu vy’Uburundi n’u Rwanda mu myaka iheze kandi avuga ko mu ntara zitandukanye hari abatavuga rumwe n’ubutegetsi bazira ivyiyumviro vya politike nk’uko amatohoza y'iryo shirahamwe yavyerekanye na cane cane abo mu mugambwe CNL.
Mu gihe aya mashirahamwe yandikiye inama ya ONU ayisaba kugumiza ijisho ku Burundi, yagiriza ubutungane bw’ico gihugu kutigenga, umukuru w’ico gihugu Evariste Ndayishimiye hari ivyo bahurizako. Gusa ntavuga urwego ahubwo abacamanza ariko muri rusangi. Aha hari kuwa 24 uku kwezi guheze mu nama yagirishije abacamaza bo mu gihugu cose.
Naho hari amashirahamwe n’ibihugu bikivuga ko agateka ka zina muntu katubahirijwe mu Burundi, ibindi bihugu n’imiryango nka 'Francophonie' ihurikiyemwo ibihugu bivuga Igifaransa na Amerika bamaze gukura ibihano ku Burundi kuva perezida Ndayishimiye agiye ku butegetsi. Eka n'ubumwe bwa Bulaya buriko bugiranira ibiganiro na Reta y’ico gihugu kugira burabe uko bwoyikurako ibihano.
Uburundi kandi bumaze gutangaza ko bugiye kwiyunga n’igihugu kibanyi c’u Rwanda imigenderanire yari yatosekaye muri 2015 co kimwe n’iy’amakungu muri rusangi. Umukuru w’igihugu yabisubiyemwo kuwa gatandatu uheze hahimbazwa umusi wahariwe Imbonerakure, urwaruka rwa CNDD FDD, umugambwe uri ku butegetsi atuma intumwa ya ambasade y’u Rwanda yari yaje mu birori kuja kubwira Abanyarwanda ko Abarundi atari abansi babo.
Facebook Forum