Uko wahagera

Burundi: Imyidogo y'Abadandaza Bategetswe Kuja mu Masengesho ya CNDD-FDD


Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye na Madamu wiwe mu gikorane ca CNDD-FDD
Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye na Madamu wiwe mu gikorane ca CNDD-FDD

Amasengesho y’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, yari amaze iminsi abera mu ntara ya Gitega yasozerewe uno munsi ku wa gatandatu. Abadandaza bakorera muri iyo ntara bavuga ko abasigiye agahombo kanini kuko bategetswe kugara amaduka yabo kugira bayitabire.

Ugishika kuri uwo murwa mukuru wa politike, ku mabarabara, mu bibanza bikoraniramwo abantu benshi, hose hashinze amabendera y’uwo mugambwe uri ku butegetsi kuva mu 2005. Mu mabarabara kugira ujabuke ni ibintu bigoye kubera imiduga myinshi y’abaje mu gikorane bavuye mugihugu cose. Yaba imiduga ya reta, iy’abigenga n’urutavanako. Abapolisi buzuye amabarabara hamwe bazibira kugira abategetsi barengane ahandi bakugururira izigiye mu gikorane.

Amashure, ubuzi bwa reta bakora imbere ya sasita gusa. Ububare, ama butike isoko vyose biba vyugaye igihe igikorane gitanguye ni ukuvuga isa zitandatu. Agahengwe kaboneka mw’ijoro aho usanga ububare bwuzuye. Isoko yoyo iba yugaye guhera satanu kuko igipolisi n’imbonerakure bakwiragiye mu gisagara baca biruka ku wutarugara.

Muri iyo vyukugara amasoko, abatari bake mu badandaza imyidogo ni myinshi kuko ku bwabo bavuga ko ari kubarenganya kuko bategekwa kuja gusenga, bagaheza bagahomba amahera bari kudandaza.

Mw’ishirahamwe ryishinze kurwanya kurya ibiturire no gusesagura amatungo ya reta OLUCOME, naho bemeza ko gusenga atari bibi bamenyesha ko bene ivyo bikorane bihonvya reta kuko abategetsi bavyitabira bakoresha uburyo bahawe na reta kugira batunganirize abanyagihugu. Gabriel Rufyiri atwara iryo shirahamwe agasaba ko bene iyo ngendo yohinduka igihugu ca mbere gikenye kw’isi kikita nyabuna ku bikorwa vy’iterambere.

Ayo masengesho bitegekanijwe ko asozerwa kuri uno wa gatandatu, ku musi w’Imana hagatorwa umunyamabanga mu kuru w’umugambwe CNNDD-FDD azoca asubirira Evariste Ndayishimiye yahora muri ayo mabanga.

Kubera iki CNDD-FDD Yategetse Abadandaza Kuja mu Gikorane?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:46 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG