Abahitanywe n’ikiza ca Virusi ya Corona aha muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika barenze ibihumbi 250. Ni mu gihe ibitigiri vya bashasha bandura navyo bibandanya kuduga mu bice bitandukanye vy’igihugu.
Reta ya New York iri mu za mbere zibangamiwe yategetse ko guhera kuri uno wa kane amashure yose yugarwa. Abanduye muri iyo Reta biyongereye ibice 3 kw’ijana ugereranije n’abari banduye mu ndwi iheze.
Ibindi bisagara n’amareta vyafashe ingingo z’uko abana basubira kwigira mu mihana yabo bakareka gutonda ku mashure, birimwo Boston na Detroit. Kugera kuri ino saha aha twibutse ko abamaze kwandura muri Reta Zunze Ubunwe z’Amerika muri rusangi barenga imiriyoni ibihumbi cumi n’imwe n’amajana atanu nkuko bitangazwa na kaminuza ya Johns Hopkins, ikora amatohoza ikanatanga amakuru ku mwanya ku mwanya kuri iki kiza.
Iyo kaminuza ivuga ko igereranya ku munsi ku munsi kuva mu ndwi iheze, bashashabandura bababa ibihumbi 160. Ni kuvuga ko bigwije na gatatu dufatiye ku bitigiri iyo kaminuza yatanga mu kwezi guheze. Abashengera ku munsi ku munsi kaminuza ya Johns Hopkins ibandanya isigura ko barenga igihumbi n’ijana.
Amakenga yashikirijwe na ba buramatari batandukanye b’ama Reta arimwo nka Virginia ni uko ibintu bishobora kunyuka mu ndwi iza ku munsi wa kane w’umuganuro, Thanksgiving. Kuri uyo munsi uri mu yihimbazwa cane muri Amerika, bimenyerewe ko imiryango n’abagenzi bahura bagasangira urukanwa n’imfungurwa.
Hambamvu y’ayo makenga ariko hari icizere kuri bamwe n’abandi gifatiye ku nkingo zibiri vyitezwe ko mu minsi ya vuba zitangura gutangwa.