Abanduye Virusi ya Corona kw'isi yose barenze umuliyoni n'ibihumbi amajana abiri. Kaminuza ya Johns Hopkins, yo muri Amerika, ikora amatohoza kuri iki kiza ikanagitangako amakuru ku mwanya ku mwanya ivuga ko aho ubwandu bubandanya kuduga ari cane cane muri Amerika, Ububirigi, Ubwongereza n’Ubufaransa.
Muri bashasha banduye bazwi, harimwo umuganwa w’Ubwongereza William. Umukuru w’ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, Dr. Tedros Adhanom Ghebreyesus, nawe yatangaje ko naho ata bimenyetso vya COVID-19 afise, yishize mu kato inyuma yo guhura n’uwanduye.
Ku mugabane wa Afurika, sendika y’abigisha muri Kenya itabariza abarimu bageze mu zabukuru babangamiwe n'ico kiza. Ni inyuma yaho abigisha 35 n’abanyeshure 17 banduriye mu kiringo c’indwi zibiri gusa. Muri ico gihugu, amashure agera kuri 35 aravugwamwo ubwandu. Abamaze kwandura muri Kenya bababa ibihumbi 56, abamaze guhitanwa n’iyo virusi bakarenga igihumbi.
Facebook Forum