Ba buramatari b’amareta atandukanye muri Reta zunze ubumwe za Amerika bariko barafata ingingo nshasha zo kugerageza kugabanya ikwirakwira ry’umugera wa corona, mu gihe abandura muri Amerika barenze imiliyoni 11.
Buramatari wa reta ya Michigan, Gretchen Whitmer, yatangaje ko habujijwe kwinjira kurira mumazu y’uburiro, abanyeshure bo mu mashure yisumbuye na kaminuza babaye barahagarikwa gukurikirana inyigisho mu masomero. Ibindi vyahagaritswe ni amakoraniro y’abantu benshi, hamwe n’amazu y’amareresi.
Izo ngingo z’uwo buramatari w’umudemokrate, zatumye haba imyiyerekano y’abashingamateka b’abarepublikani b’iyo reta bavuga ko batabajijwe imbere yo gufata izo ngingo. Umuhanuzi w’umugwi washizweho na White House wo kurwanya ico kiza, Scott Atlas, yahamagariye abanyagihugu kwanka izo ngingo.
Muri reta ya Washington iri mu buraruko bushira uburengero, buramatari Jay Inslee nawe nyene yabujije kurira mu mazu y’uburiro yongera ategeka ko amaduka agabanya abayinjiramwo gushika ku bice 25 kw’ijana. Amakoraniro yo hanze yagabanijwe gushika ku bantu 5, mu gihe ata rugo rwemerewe kwakira abatarubamwo.
Naho muri reta ya New Mexico hafashwe ingingo yo guhagarika imirimo mu kiringo c’indwi zibiri, mu gihe muri Dakota y’uburaruko kwambara udupfukamunwa ryabaye itegeko.
Igisagara ca Philadelphia, ica mbere mu bunini muri Pennsylvania, cahagaritse abarira mu mazu y’uburiro indwi zitandatu, cugara amazu yo kwinonoreramwo imitsi, amazu ndangakaranga, hamwe n’amakoraniro mu ngo guhera ku musi wa gatanu.
Mu ndwi iheze, Amerika yabonye hafi abantu 150 000 banduye ku musi, nkuko kaminuza Johns Hopkins yabishikirije. Abantu barenga 246 000 baramaze kwicwa na COVID-19 muri Amerika.
Facebook Forum