Uko wahagera

USA: Ubwoba ko Hashobora Kuba Imidugararo Inyuma y'Amatora


Bariko Baratora i New York
Bariko Baratora i New York

Amamiliyoni y’abanyamerika bazindukira ku biro vy’amatora bikwirakwiye mu gihugu kuri uyu wa kabiri gufasha guhitamwo nimba umurepubulikani Perezida Donald Trump yisubiriza ku butegetsi iyindi myaka ine, canke nimba umudemokrate bahiganwa Joe Biden azomusubirira.

Mu gihe Amerika igihanganye n’ikiza ca Covid-19, abanyamerika barenga imiliyoni 97 baza baramaze gutora, abarenga bibiri vya bitatu vy’abatoye mu 2016, igihe Trump yatsinda bitari vyitezwe umudemokrate Hillary Clinton.

Mu gihe kandi bigaragara ko abamaze gutora ari benshi muri uyu mwaka wa 2020, ababikurikirana bavuga ko aya matora ashobora kuzokwitabirwa n’abantu imiliyoni 150 canke barenga.

Aya matora ariko atunganwa inyuma y’imyiyamamazo yaranzwe n’agashavu ku mpande zose, aho Trump na Biden bateranye amajambo, mu gihe umwe abwira uwundi ko adashoboye gutwara igihugu kandi ashobora no kugita mu manga.

Mu mpera z’indwi, ibihumbi vy’abanywanyi ba Trump baragaragaje ingendo yo gusotorana aho imodokari ya bus yo mu myiyamamazo ya Biden yazibiwe iriko iragenda mw’ibarabara.

Abategetsi hamwe n’abadandaza mu bisagara bimwe, harimwo New York na Washington hafi ya White House, bazibiye imiryango n’amadirisha y’amaduka yabo kugira ntibizononwe mu gihe hokwaduka imidugararo.

Haruhande yo gutora perezida, abanyamerika baratora kandi abashingamateka bose 435 basasa mu nama nshingamateka hamwe n’abasenateri 35 kw’ijana bagize sena.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG