Abategetsi b'ibihugu 6 vyo muri Afurika vyipfuza kugira uruhara mu gutorera umuti intambara ya Ukraine n'Uburusiya bazogendera ivyo bihugu mu mpera z'ukwezi kwa gatandatu canke mu ntango z'ukwezi kw’indwi.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, Sergei Lavrov, yatangaje ivy’ano matariki mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, ari kumwe na mugenzi wiwe wa Uganda.
Lavrov yagize ati: “Prezida Vladimir Putin ariteguriye kuganira n’uruhande urwo ari rwo rwose rwipfuza umugambi w’amahoro utagira agahemo. Uburusiya buranyotewe rero intererano ya Afurika”.
Ibihugu 6 vyo muri Afurika biheruka gutangaza ko vyipfuza guterera mu kugarukana amahoro hagati y’Uburisiya na Ukraine ni Afurika y’epfo, Kongo, Uganda, Misiri, Senegali na Zambiya.
Ntibiramenyekana igihugu ca mbere abategetsi batandatu ba Afurika bazobanza kugendera hagati y’Uburusiya na Ukraine. Ivyo bihugu vyose ariko vyatangaje ko binyotewe intererano ya Afurika.
Afurika y’epfo itangaza ivy’uno mugambi mu ntango z’ino ndwi, yavuze ko intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine irambiranye kandi imaze konona ibitari bike ku mugabane wa Afurika.
Prezida wa Afurika y’epfo yashize ahabona ivy’uno mugambi inyuma y’imisi yari amaze “aremerwa, kugira avuge aho igihugu ciwe gihagaze mu vy’intambara y’Uburusiya na Ukraine.” Amerika yagirije Afurika y’epfo kuba yarahaye ibirwanisho Uburusiya. Ni ivyagiriji Afurika y’epfo yamirira kure. (AFP)