Abategetsi b'ibihugu 6 vya Afurika vuba bazogendera Ukraine n'Uburusiya mu ntumbero yo kuraba ingene bofasha kugarukana amahoro n'umwumvikano hagati y'ivyo bihugu.
Ibihugu vya Afurika vyipfuza kugira uruhara mu gutorera umuti intambara ya Ukraine n’Uburusiya ni Republika ya Demokarasi ya Kongo, Uganda, Senegali, Misiri, Zambiya na Afurika y’epfo.
Prezida wa Afurika y’Epfo, Cyril Ramaphosa, yatangaje ano makuru avuga ko impande zitandukanye zirimwo ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika zamenyeshejwe uwu mugambi kandi ziwushigikiye.
Cyril Ramaphosa atwara Afurika y’epfo yavuze ko mu mpera z’indwi iheze yavuganye kuri terefone na Prezida Vladimir Putin w’Uburusiya kimwe na Volodymyr Zelensky, abamenyesha ivy’uno mugambi, bompi barawemera.
Itariki abategetsi b’ivyo bihugu bazokorerako urugendo rwabo mu Burusiya no muri Ukraine ntiyatangajwe. Prezida wa Afurika y’epfo yavuze ko ari vuba cane, intambara irambiranye kandi imaze konona vyinshi harimwo n’ingaruka iriko igira ku mugabane wa Afurika.
Si ubwa mbere hari abipfuje guhuza Uburusiya na Ukraine. Ubushinwa bwaratanze ingingo ku bwabwo zozana amahoro hagati y’ivyo bihugu vyose, ariko ntaco vyatanze.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Prezida wa Afurika y’epfo na bagenzi biwe bavuze ko bizeye ko ibiganiro bazokorana n’impande zose bizogira ico bivuyemwo”. ONU yo isanga yamara ibiganiro vy’amahoro hagati y’Uburusiya na Ukraine bikiri kure nk’ukwezi, kubera impande zose zizeye gutsinda urugamba biciye mu muheto.
Amakuru y’urugendo rw’abategetsi 6 b’Afurika agiye ahabona inyuma y’umusi umwe prezida wa Afurika y’epfo yumvikanishije ko hari ababandanya kumuremera bamusaba ko igihugiu ciwe cerekana aho gihagaze mu ntambara y’Uburusiya na Ukraine. Reta zunze ubumwe z’Amerika yagiriza Afurika y’epfo guha ibirwanisho Uburusiya. Ni ivyagiriji Afurika y’epfo ihakana yivuye inyuma. (AFP).
Facebook Forum