Uko wahagera

Ukraine Ivuga ko Kwisubiza Uburere Uburusiya Bwayitwaye Bikiri Kure


I Bubamfu, Prezida wa Ukraine, i Buryo, Prezida w'Uburusiya
I Bubamfu, Prezida wa Ukraine, i Buryo, Prezida w'Uburusiya

Prezida wa Ukraine atagangaza ko hataragera kwisubiza uburere bw'igihugu ciwe bwigaruriwe n'Uburusiya.

Mu kiganiro Prezida Volodymyr Zelenskyy yagiranye n’ibitangazamakuru vyo mu Bwongereza, yavuze ko ingabo za Ukraine zikeneye umwanya munini kugira zisubize uburere bwose buri mu minwe y’Uburusiya, biciye mu kurwana.

Mu vyo Ukraine ivuga ko igikeneye kugira itanguze urugamba rwo kwisubiza uburere bwayo, harimwo amahugurwa y’abasirikare bayo, ibirwanisho birimwo ibiduga birinda amasasu n’indege za gisirikare.

Zelensky yagize ati: “Turashobora kuba turikora ku vyo dufise, kandi tugashikana umugambi, ariko bigenze uku, twotakaza abantu benshi ku rugamba.”.

Abashikiranganji bajejwe ivy’ubutunzi mu bihugu indwi bikize gusumba ibindi, bihurikiye mu murwi wa G7, uno munsi bahuriye mu nama yabereye mu Buyapani. Mu vyo baganiriye, harimwo kuraba ingene bofasha Ukraine, n’ingene boremera Uburusiya bugaheba intambara bwatanguje muri ico gihugu.

Umushikiranganji ajejwe ikigega c’Amerika, Janet Yellen, muri iyo nama yemeye ko intambara ya Ukraine n’Uburusiya yateba canke yanyaruka, ibihugu vyose biri muri G7 bizoguma ku ruhade rwa Ukraine. (AP, AFP, Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG