Uko wahagera

Ibitigiri vy'Abanduye COVID-19 Vyaduze muri USA, Ubuhindi na Bulaya


Umwe mu ngenzi ariko apimwa Corona mu budagi
Umwe mu ngenzi ariko apimwa Corona mu budagi

Kaminuza ya Johns Hopkins ikurikirana ku munsi ku munsi ivy’ikiza ca Virusi ya Corona ikanagikorako ubushakashatsi, yatangaje ko abanduye uwo mugera kw’isi yose bageze ku miriyoni 39 n’ibihumbi 700, abo wahitanye na bo barenze umuliyoni.

Ibitigiri bishasha vy’iyo kaminuza vyerekana ko Amerika ikiri imbere mu bwandu: Abanduye muri ico gihugu barenze imiliyoni umunani. Mu Buhindi naho nyene ibitigiri vyaduze: Kuva ejo ku wa gatandatu, abatoweko ubwandu bashasha barenga ibihumbi mirongo itandatu, bisigura ko abanduye muri ico gihugu nkuko ibitigiri vya Johns Hopkins bivyerekana barenze imiriyoni indwi, mu gihe abo uwo mugera umaze guhitana barenga ibihumbi ijana na cumi.

Ku mugabane wa Buraya, ejo mw’ijoro nta n’inyoni yakakaza ku murwa mukuru Paris, inyuma yaho ico gisagara gishiriyeho amasaha ntarengwa abanyagihugu baba batashe bivuye ku biharuro vyaduze. Ibindi bisagara 6 mu Bufaransa birimwo Lyon, na Lille na vyo vyashizeho ayo mategeko azomara n’imiburiburi indwi zine.

Mu Bubirigi, kuva ejo ku wa mbere amazu y’ubunywero, ay’uburiro n’ayafatirwamwo amakawa yose azongera kugara, amasaha yo gutembera mu mabarabara nayo agabanuke mu ntumbero yo kugabanya ibitigiri vyongeye kuduga no muri ico gihugu. Hagati aho, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu na mugenzi wiwe wo muri Autriche batoweko ubwandu.

Bompi uko ari babiri ku munsi wa mbere baritabiriye inama y’Umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya yabahurije i Luxembourg. Mu buholande ho, umwami waho n'umwamikazi wiwe, ku munsi wa gatanu bafashe urugendo berekeza mu Bugiriki kuruhuka, ariko biba ngombwa ko ku wa gatandatu barucira hagati bakagaruka mu gihugu. Mw'itangazo basohoye bagize bati :" Kugira kino kiza gihere, umwe wese ategerezwa gukurikiza ibisabwa mu kukirwanya."

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG