Ibitigiri vy'abakorera mu gisata c'amagara y'abantu bandura umugera wa COVID19 vyagabanutse. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS, ryatangaje ano makuru ryemeza ko ivyo biharuro vyagabanutse mu mihingo yose y'isi, irimwo ibihugu bivugwamwo ubwandu bwinshi.
OMS yemeza ko ibiharuro ikura mu bihugu 83 biri ahanini ku migabane ya Amerika na Buraya vyerekana ko abakora mu buvuzi bandura bavuye ku bice 14 kw' ijana baja kuri 3 kw'ijana. Ikiza ca Virusi ya Corona kicaduka abakorera mu gisata c'amagara y'abantu bandura, basumba abanyagihugu bandura nkuko OMS ivyerekana.
Mu kiganiro hifashishijwe ubuhinga bwa none umupfasoni Anne Perrocheau ajejwe ivy'indwara z'ivyaduka muri OMS yagiranye n'abamnyeshamakuru, yasiguye ko ikiza ca Virusi ya Corona kigitera, abakora mu buvuzi baba mu bihugu bitunze canke biri mu nzira y'iterambere bandura ku bwinshi, kuko batari bafise ibikoresho vyo kwikingira. Ikindi catumye ivyo bitigiri biba vyinshi, ni uko abakorera muri ico gisata mu ntango ata makuru ahagije kuri ico kiza bari bafise.
Kuva ikiza ca COVID19 cakwaduka, kimaze kwica abantu barenga umuliyoni kw'isi yose nkuko ibiharuro vya OMS bivyerekana. Akanama mpuzamakungu gahurikiyemwo abaforoma kw'isi, kavuga ko mu bakabarizwamwo bagera ku miliyoni 20, abarenga igihumbi bahitanywe n'ico kiza.
Facebook Forum