Mu buraruko bw’Uburundi, amwe mu mahoteri yatanguye kwirukana abakozi biturutse ku mugera wa COVID-19. Amakuru Ijwi ry’Amerika ryashoboye kuronka avuye muri imwe mu mahoteri akomeye muri ico gisagara avuga ko iyo hoteri imaze kwirukana abakozi bagera kuri 5. Ayo makuru avuga ko vyose biriko biterwa n’uko ingenzi zigana iyo hoteri zagabanutse.
Ikindi cafasha amahoteri kwinjiza amafaranga, ni amanama akomeye yahora yakira. Inkuru dufise zivuga ko kuva ikiza ca COVID-19 gitanguye gukwiragira kw'isi, amanama yari ategekanijwe yabaye arigizwa inyuma ku mvo zo kwikingira.
Amakuru adushikira avuye I Ngozi atangaza ko ayandi mahoteri yabangiriye kwirukana abakozi, ariko aca afata ingingo yo kuba arabagabanije imishahara. Bene gukorera mu gisata c’amahoteri n’ingenzi baremeza ko abakozi birukanywe bazosubizwa ku buzi mu gihe ibintu vyosubira mu buryo nk’uko amakuru turonka abimenyesha.
Tubibutse ko igisagara ca Ngozi ari kimwe mu bisagara vyo hagati mu gihugu c’Uburundi kimaze gutorwamwo abantu bagera kuri 5 banduye umugera wa COVID-19. Ni mu gihe hari n’amakuru atigeze yemezwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi avuga ko hari abamaze guhitanwa n’ico kiza muri ico gisagara cane cane mw’ibohero rikuru ry’abagabo rya Ngozi.
Facebook Forum