Umuporisi w’ibiro vy’inyamiramabi muri Reta zunze ubumwe za Amerika, FBI, yemeje kuri uyu wa kabiri ko umuhari w’abantu bitwaje ibikoho biremereye wari ugamije kunyuruza buramatari wa reta ya Michigan wari ufise umugambi nk’uyo kuri buramatari wa Virginia.
Richard Trask, yabwiye sentare yo mu gisagara ca Grand Rapids, ku murwa mukuru wa Michigan, ko uwo murwi washavujwe n’ingingo zafashwe zo guhagarika imirimo kubera umugera wa Covid-19.
Trask yavuze ko ako kagwi kihaye intumbero yo kunyuruza buramatari wa Michigan, Gretchen Whitmer, hamwe n’abandi bategetsi, gutera abaporisi no gutanguza intambara y’abenegihugu.
Baburamatari Whitmer n’uwa Virginia, Ralph Northam bompi ni abademokrate bamye banebagurwa na Perezida Donald Trump ku mategeko bafashe harimwo n’ayo kurwanya corona.
Muri Virginia, buramatari Northam yatunze urutoke Perezida Trump kuba ari we yateye ako gatima k’urwanko muri iyo mirwi yitwaje inkoho.
Yavuze ko igihe we na mugenzi we Whitmer bafatiye ingingo mu kwezi kwa kane yo gutegeka abanyagihugu kwambara udupfukamunwa no guhana kwirinda kwegerana mu ntumbero yo kurwanya Covid-19, Perezida Trump yahamagariye abantu kubohoza reta za Virginia na Michigan.
Facebook Forum