Amakuru mu Gitondo (0330-0400 UTC): Impunzi z’abarundi n’abanyarwanda zituye mu mugi wa Goma, mu karere ka Nyiragongo no hafi yaho zirasaba ko ibiro bya HCR bifunga. Irani Ivuga ko kwumvikana ku gusubira mu masezerano ya Nikereyeri yo mu 2015 n’ibihugu rutura bisa n’ivyarangiye.
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Ni ikiganiro c’umwihariko, gishimikira ku makuru avugwa mu ntara zitandukanye z’Uburundi n’u Rwanda, kidasize inyuma ayavugwa mu makambi yahungiyemwo impunzi z’Abarundi muri Afurika y’ibiyaga binini n’Afurika y’ubuseruko.
Tariki 30 y'ukwa cyenda wari umunsi ntarengwa kuri bamwe mu bororera mu mujyi wa Kigali kuba bahakuye amatungo. Ibi byasabwe n’ubuyobozi bw’umujyi. Bamwe muri aba borozi bavuga ko iki cyemezo cyabatunguye kandi kibangamiye imibereho yabo. Ni byo tuganiraho uyu munsi.
Amakuru y'Akarere (1600-1630 UTC): Amakuru atambuka i saa kumi n'ebyeri ku mugoroba mu Rwanda no mu Burundi. Akenshi, aya makuru yibanda ku karere k'ibiyaga bigari n'Afurika y'uburasirazuba.
Amakuru ku Mugoroba (1730-1800 UTC): Amakuru ashyushye yo mu Rwanda, mu Burundi, muri Afurika no hirya no hino kw’isi. Aha tubaha n’ubusesenguzi ndetse n’ibisobanuro byihariye ku makuru agezweho.