Zimwe mu Mpunzi Zifise Ivyo Zisaba Imbere yo Gutahuka mu Burundi

Impunzi zigizwe n'abagore hamwe n'abana mu nkambi muri Tanzaniya

Abaserukira impunzi z'Abarundi mu bihugu vy'akarere bahungiyemwo basaba Reta kurekura abapfungiwe poritike, gukurikiza urubanza rwaciwe na sentare ya EAC ruvuga ko ikiringo ca nyuma ca nyakwigendera Nkurunziza cahonyanze ibwirizwa nshingiro, kwugurura amaradiyo yugawe no kugiranira ibiganiro n'impunzi kugira zitahuke. Umuyobozi mukuru ajejwe gucura impunzi avuga ko ibibazo vyose zifise bizumvirizwa zimaze gutahuka.

Mu myaka itanu iheze, Reta y'Uburundi itangaza ko yatahukanye impunzi zirenga ibihumbi 300 kandi ko uyu mwaka yiteze kuzotahukana izigera ku bihumbi 173.

Twumve inkuru ya Eloge Willy Kaneza i Nairobi

Your browser doesn’t support HTML5

Zimwe mu Mpunzi z'Abarundi Ntacizere Zifise co Gutaha