Abanyagihugu muri Etiyopiya Barigina Urugomero rwo ku Ruzi Nil

Abanya Etiyopiya barashima intambwe zimaze gushikwako mu gikorwa c'ukwubaka urugomero rw'umuyagankuba ku ruzi Nil. Mu myiyerekano y’akamwemwe isa n’iyari ishigikiwe na Reta, abantu ibihumbi n’ibihumbi barihereje amabarabara y’umurwa mukuru, Addis Abeba ku mutaga wo ku musi w’Imana.

Bazungagiza amadarapo y’igihugu ca Etityopiya bafise n’izindi nzandiko zihayagiza intambwe igihugu kigezeko ku bijanye n’urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Nil. Abari mu modoka bagenda bavuza amahoni, bavuza umuziki n’urwamo rwinshi mu gihe abandi batamba mu bibanza abantu bakoraniramwo. Ibirori nk’ivyo vyarabereye mu bindi bisagara vy’igihugu.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere, Demeka Mekonnen, yasavye abanyagihugu gushigikira urugero rw’umuyagankuba ku ruzi Nil n’iherarezwa ry’ukurwubaka. Yamenyesheje ko bariko bahimbaza intambwe ya nyuma y’ukwubaka urwo rugomero. Yatangaje ko bashaka ko ruherahezwa vuba rugatangura gutorera inyishu ibibazo igihugu gifise.

Abanyagihugu ba Etiyopiya bari mu mahanga baratanze intererano yabo ku bijanye n’ivyo birori bakoresheje imbuga ngurukanabumenyi. Ibice 75 kw’ijana vy’urwo rugomero biramaze guherahezwa. Urwo rugomero rwarateye ibibazo hagati ya Etiyopiya n’ibihugu bibanyi vya Sudani na Misiri.