Akanama ka ONU kajejwe umutekano ku munsi wa mbere kazokwiga ku kibazo Etiyopiya ifitaniye n’ibihugu vya Sudani na Misiri ku rugomero ico gihugu kiriko cubaka ku ruzi Nil.
Inama yo ku wa mbere uza izoba hakoreshejwe videwo, igashobora kuzokurikiranwa n’abavyipfuza bose yasabwe na Reta Zunze Ubumwe z’Amerika.
Etiyopiya yipfuza ko urwo rugomero rwitiriwe “Grand barrage de la Renaissance”, rutangura gukora vuba, gutyo igategekanya ko mu ntango z’ukwezi kw’indwi itangura kwuguzuza amazi.
Ico gihugu kivuga ko Sudani na Misiri vyemera canke vyareka, iryo sango ari ntabanduka. Ku ruhande rwa Sudani na Misiri ivyagiriji vy’uko Etiyopiya ishaka ku rwigungana ku nyungu zayo bwite ni nyinshi. Ivyo bihugu bisanga urwo rugomero ruzogabanya cane amazi yo ku butaka bwavyo.
ONU ihanura ko izo mpande zose ziganira. Umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe Antonio Guterres yavuze ko ishirahamwe aramutswa ryiteze kuzihuza.
Facebook Forum