Abakenyezi Basaba Prezida w'Uburundi Kurekuza Bagenzi Babo Bapfunzwe

Abapfasoni bari kuri iyo foto bari mu basabirwa kurekurwa.

Amashirahamwe atanu y'Abarundikazi yandikiye Prezida Evariste Ndayishimiye amusaba gukoresha ububasha ahabwa n'ibwirizwa nshingiro akarekuza abaharanira agateka ka zina muntu umunani barimwo abakenyezi batandatu.

Ayo mashirahamwe avuga ko bidatahuritse ingene Uburundi bufunga impirimbanyi z'Abakenyezi kandi budasiba guhayagiza uruhara rwabo mw'iterambere.

Ayo mashirahamwe anishimikiza ijambo rya Prezida Évariste Ndayishimiye yasezeranye mu mpera z'umwaka ko umufungwa wese adakurikiranwa ku caha c'ubwicanyi abwirizwa kurekurwa akaburana yidegemvya.

Ayo mashirahamwe yandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi amusaba gukoresha ubushobozi bwose afise kandi ahabwa n’ibwirizwa nshingiro kugira afashe abakenyezi batandatu n’abagabo babiri bari mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi barekurwe.

Mw’ikete bamurungikiye bakongera bagaha ikopi umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona, umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi, na Sixte Vigny Nimuraba, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, bagira bati” Bose bafunzwe bazira igikorwa biyemeje co guharanira agateka ka zina muntu”.

Bibutsa Prezida Ndayishimiye amasezerano ya ONU avuga ko kubahiriza ubwigenge bwa kiremwa muntu, ubwigenge bw’ubutungane hamwe n’ayashiraho ugukingira abaharanira agateka ka zina muntu mw’isi n’Uburundi bwashizeko umukono.

Bongerako bati: " Nyakubahwa, mu gihe isi yose ishimagiza uruhara n’ibikorwa vy’abakenyezi baharanira agateka ka zina muntu mw’iterambre mu bijanye n’ubutunzi, imibano, na poritike ibigaragarira amaso ya bose no mu Burundi, Reta yari ikwiye guha agaciro ibikorwa vy’abakenyezi baharanira agateka ka zina muntu ikanabaha ikibanza babereye”.

Ku bwayo mashirahamwe y’Abarundikazi, ifatwa n’ifungwa rya bagenzi babo rigamije ugutera ubwoba, ugusugereza, no guca intege abantu bose bakorera mu gisata co gukingira agateka ka kiremwa muntu mu Burundi.

“Ibi biteye kubiri n’ivyo mwasezeranye ko muzoteza imbere agateka ka zina muntu kuko bigabanya ubwisanzure bw’amashirahamwe yigenga”, ni ko babandanya bandika mu rurimi rw’igifaransa.

Banagaruka ku vyo Prezida yashikirije muri kahise bagira bati: " Twisunze kandi ku vyo mwashikirije Abarundi nyakubahwa mubifuriza umwaka mushasha mu mpera za 2022 ko umunyororo wese atagirizwa ubwicanyi canke icaha gikora ku buzima bwa muntu azoburana yidegemvya”.

Abasabirwa kurekurwa ni Maitre Sonia Ndikumasabo, Maitre Marie Emerusabe bo mw’ishirahamwe ry’abakenyezi b’Abarundikazi bize amategeko, Sylvana Inamahoro na Audace Havyarimana bo mw’ishirahamwe APDH riharanira agateka ka zina muntu.

Bahagarikiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura bariko baja mu nama I Kampala yari yateguwe n’ishirahamwe ry’Abashingwamanza batagira imbibe, Avocats Sans Frontieres. I ruhande yabo hari Prosper Runyange wo muri APDH we yahagarikiwe I Ngozi nawe nyene ariko yerekeza I Kampala. Umushikiranganji ajejwe umutekano n’intwaro yo hagati Martin Niteretse yavuze ko bikekwako ibikorwa vyo guterera iterabwoba.

Abandi basabirwa kurekurwa ni Floriane Irangabiye, umunyamakuru wa Radiyo Igicaniro (Iradiyo yavukiye mu buhungiro). Madamu Irangabiye yafashwe mu kwa munani umwaka uheze. Yegetsweko ivyaha birimwo ugukorana n’imirwi y’abaroberi, ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu no kunekera u Rwanda amaze imyaka irenga indwi abamwo. Mu ntango z’uyu mwaka, yahanishijwe na sentare ya Mukaza mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura gufungwa imyaka cumi.

Hari kandi na Emilienne Sibomana, umukuru wa sendika y’abarimu Fenaseb yo kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe Christ Roi ku murwa mukuru wa politike Gitega.

Ijwi ry’Amerika ryagerageje kwakura Rosine Gatoni Guilene, umuvuguzi wa Prezida Ndayishimiye ariko terefone yiwe yari ijimije. Ariko shebuja yavuze kenshi ko ata muntu azozira ivyiyumviro vyiwe mu gihugu aramutswa. Gusa Carina Tertsakian, umushakashatsi wo muri IDHB rikorera amatohoza ku Burundi hari ico amunegura. Fyonda hasi wumve uko yabisiguriye mu kiganiro cihariye yahaye umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Ivyo IDHB Inegura mw'Ipfungwa ry'Impirimbanyi Zirimwo Abagore mu Burundi

Domine Banyankimbona, umushikiranganji w’ubutungane kuri terefone yatbwiye muri make Ijwi ry'Amerika ati: " Iryo kete ryabo ni ryaba ryashitse tuzoribona turacaririndiriye”.

Kuri uyu wa kane, Floriane Irangabiye. ari mu basabirwa kurekurwa azorenguka mu rubanza rw’iyungururizo. Umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi yabwiye Ijwi ry'Amerika acunguruza ati;" Turiteguye kuburana nk’uko twabikoze ubwa mbere”.