Uko wahagera

Uburundi Bwavuze ico Bufungiye 5 Baharanira Agateka ka Zina Muntu


Ifoto z'abaharanira agateka ka zina muntu bapfunzwe n'Uburundi
Ifoto z'abaharanira agateka ka zina muntu bapfunzwe n'Uburundi

Umushikiranganji ajejwe umutekano n'intwaro yo hagati mu Burundi yemeza ko hari abaserukira amashirahamwe yigenga bane bafungiwe mw'igendereza ry'ico gihugu ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura.

Martin Niteretse avuga ko bahagaritswe inyuma y'amatohoza yaramaze amezi atatu akorwa yerekanye ko bakorana n'amashirahamwe atemewe n'Uburundi kandi baronswa amafaranga menshi avuye hanze y'igihugu atawuzi neza ahava. Abafunzwe ni abakenyezi batatu n'umugabo umwe.

Abo bagore batatu n'umugabo umwe baserukira amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bahagaritswe n'igendereza ry'ico gihugu mu gatondo ko ku musi wa kabiri.

Audace Havyarimana, aserukira imbere y'amategeko APDH riharanira amahoro n'uguteza imbere agateka ka muntu, Sylvana Inamahoro, umuyobozi nshingwabikorwa w'iryo shirahamwe, Sonia Ndikumasabo, umukuru w'ishirahamwe ry'abakenyezi b'Abarundikazi bize amategeko ( AFJB) na Marie Emerusabe, umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe bafungiwe mu gasho k'igendereza ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura nk'uko amasoko y'Ijwi ry'Amerika yabitumenyesheje kuva umusi bahagarikwa.

Bafatiwe ku kibuga c'indege ca Bujumbura mu gihe bari berekeje mu nama yabahuza na bamwe mu bo bakorana i Kampala muri Uganda. Bagitabwa muri yompi, abategetsi b’Uburundi nta kintu kinini bashimye kubivugako. Mugabo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano Martin Niteretse ubu yakuyeho impari. Yatangaje ko abahagaritswe bari bamaze amezi atatu yose bakorwako itohoza kandi ko bakorana n’amashirahamwe atemewe n’igihugu.

Uwundi akorera rimwe muri ayo mashirahamwe abiri yahagarikiwe i Ngozi mu buraruko bw’Uburundi. Ni Prosper Runyange, ajejwe igisata c’amatongo muri APDH. Umushikiranganji Niteretse avuga ko inzego z’umutekano n’igendereza zikeka ko amafaranga bahabwa ashobora gukoreshwa mu bikorwa vy'iterabwoba.

Mu rugendo yahoramwo mu Burundi, komiseri akaba n’intumwa idasanzwe yUbumwe bwa Bulaya ajejwe ibibazo vy’agateka ka zina muntu Eamon Guilmore yavuze ko hakiri intambamyi nyinshi mu gisata c’agateka ka kiremwa muntu muri ico gihugu.

Mu Burundi, amashirahamwe yigenga atari make yarataye aromoka inyuma y’indyane zaturutse ku kindi kiringo cateye impari ca nyakwigendera Prezida Pierre Nkurunziza muri 2015. Bamwe mu bayahagarariye baronderwa n’ubutungane bubagiriza kwifatanya n’abagerageje gutembagaza ubutegetsi uwo mwaka.

Abaraba ibintu n’ibindi bamwe bamwe bavuga ko ubu amashirahamwe yemeye kuguma ku butaka bw’ico gihugu ata yandi masaganiriza afise atari ukwemera gukora ico ubutegetsi bwifuza harimwo ukuringaniza ibitigiri vy’Abahutu n’Abatusti bayakoramwo hisunzwe ibitigiri vy’amasezerano ya Arusha avuga ku kugabanganya ubutegetsi mu nzego za Reta.

Ijwi ry’Amerika ryagerageje kurondera umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi kugira rimenye niba abaregwa bamaze kugezwa imbere y’umushikirizamanza kugira abumvirize ariko ku murongo wa terefone ntiyitavye. Ubutumwa bwanditse kuri WhatsApp yadusubije aturamutsa ariko amaze gusoma ibibazo ntaco yashimye kubivugako.

Icaha c’iterabwoba bikekwako gihanishwa umunyororo uri hagati y’imyaka cumi na mirongo ibiri nk’uko ingingo ya 641 y’itegeko mpanavyaha ry’Uburundi ibivuga. Mu gihe hari abantu bishwe kubera ico caha, uwucagirizwa ashobora gufungwa ubuzima bwiwe bwose.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Uburundi Bupfunze Batanu mu Baharanira Agateka ka Zina Muntu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:50 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG