Sentare ya Ntahangwa ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo abantu batanu, abagore batatu n'abagabo babiri baserukira amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.
Mu vyo bakurikiranwako harimwo "guterera ibikorwa vy'iterabwoba, ukugarariza inzego hamwe no guhungabanya ubutunzi bw'igihugu". Abacamanza ba sentare ya Ntahangwa mu buraruko bwa Bujumbura, umurwa mukuru w’ubutunzi bumvirije abo baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi iheze.
I ruhande y’icaha bakekwako co guterera ibikorwa vy’iterabwoba catangajwe n’umushikiranganji ajejwe umutekano mu mushuhira bagihagarikwa, hiyongereyeko ivyaha vyo kugarariza inzego no guhungabanya ubutunzi bw’igihugu nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika yabitubwiye.
N’ishirahmwe IDHB rikora amatohoza ku Burundi ryarumvise ayo makuru. Carina Tertsakian, umushakashatsi mukuru muri iryo shirahamwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ihagarikwa ryabo ryahonyanze amategeko. Asaba ko borekurwa ata kirinze gusabwa.
Tertsakian yabwiye Ijwi ry'Amerika ati:" “Mu mugambi uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi turarajwe ishinga n’ifatwa ry’izo mpirimbanyi zitanu n’ivyagiriji bitagira urufatiro babegetseko. Dusaba ko barekurwa vuba bwango. Abategetsi b’Uburundi barimwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati bavuze ko boba baterera iterabwoba. Mbega isano hagati y’abo bantu, amashirahamwe yabo n’ibikorwa vy’iterabwoba riri hehe? Banagirijwe kandi guhungabanya umutekano w’igihugu, ukugarariza inzego no guhungabanya ubutunzi bwaco. N’ukuri ivyo vyagiriji ntibigira ifatiro. Bivugwa ko abategetsi babaziza kuronka imfashanyo mvamakungu mugabo ivyo nta mategeko abibuza kandi si icaha gihanwa n’ubutungane”
Kubwa Tertsakian akorera ku bibazo vy’agateka ka zina mutu mu Burundi no mu karere k’ibiyaga binini vya Afrika mu myaka 25 iheze, ifungwa ry’aba bapfasoni batatu n’abagabo babiri baharanira agateka ka zina muntu ryerekana agashavu Reta ifitiye umuntu wese ashikiriza iciyumviro gitandukanye n’ivyo yifuza.
Yabisiguye kuri micros z'ijwi ry'Amerika agira ati: “Ivyabaye vyerekana inyishu Reta y’Uburundi ifitiye amashirahamwe yinuba mu kwihora abayaserukira hahonyanzwe amategeko. Ibi biri mu rukurikirane rw’ifatwa ry’izindi mpirimbanyi ku kiringo c’imyaka myinshi. Dusanga hari urutonde rwashizweho rwisubiriza. Hafatwa uwuharanira agateka ka zina muntu canke umumenyeshamakuru, hakaba urwamo ku rwego mpuzamakungu maze akarekurwa inyuma y’umwaka canke ibiri, hanyuma hagafatwa undi gutyo gutyo. Nibutse ko umunyamakuru Floriane Irangabiye akivundiye mw’ibohero inyuma y’amezi atandatu ahagaritswe. Ubutumwa buratomoye: Reta ntiyihanganira abayivuguruza mbere n’ibikorwa vyiza vy’amashirahamwe ku banyagihugu b’Abarundi”, ni ko akomeza avuga.
Inyuma y’imisi ibiri abo baharanira agateka ka zina muntu bafashwe kuwa 16 ukwezi kwa kabiri guheze, umushikiranganji ajejwe umutekano n’intwaro yo hagati yavuze ko ivyo bikekwako Reta ibifitiye ivyemezo. Ariko muri IDHB basanga iyi ngendo ari igishushane ry’ivyo Prezida Ndayishimiye adasiba gusezerana.
“Ayo mahagarikwa ateye kubiri n’ibintu vyose Prezida yasezeranye. Yasezeranye ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, ukwigenga k’ubutungane…ariko ubu biragoye cane kwizera umuhango wiwe mu gihe Reta ikoresha ubutungane nk’igikoresho co gucinyiza sosiyete sivire. Ibi biteza urubwa Uburundi, Prezida Ndayishimiye na Reta yiwe muri rusangi”. Abamwidogera, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arabazi. Yabagarutseko mu ndwi iheze ari mu masengesho y’inama nshingamateka na nkenguzamateka.
Umunyamategeko Armel Niyongere asanzwe ari mu baharanira agateka ka zina muntu avuga ko bagenzi be bafunzwe hahonyanzwe amategeko. Uku ni ko yabisiguriye Ijwi ry’Amerika.
Icaha c’iterabwoba bikekwako gihanishwa umunyororo uri hagati y’imyaka cumi na mirongo ibiri nk’uko ingingo ya 641 y’itegeko mpanavyaha ry’Uburundi ibivuga. Mu gihe hari abantu bishwe kubera ico caha, uwucagairizwa ashobora gufungwa ubuzima bwiwe bwose.
Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika