Perezida Tshisekedi na Kagame mu Biganiro muri Angola kuri uyu wa Kabiri canke uwa Gatatu

Perezida w'u Rwanda Paul Kagame (i buryo) na perezida wa RDC, Félix Tshisekedi kuri Hôtel Serena i Rubavu, mu Rwanda, kw'itariki ya 25/06/2021

Perezida wa Repubulika ya demokarasi ya Congo, Felix Tshisekedi, hamwe na mugenzi we w’u Rwanda, Paul Kagame, barahurira muri Angola mu biganiro muri iyi ndwi.

Abategetsi bo muri ako karere batashimye ko amazina yabo amenyekana bavuze ko uyu mubonano ushobora kuba kuri uyu wa kabiri canke kuwa gatatu i Luanda, ku murwa mukuru wa Angola.

Nta makuru yatanzwe y’ivyo bazoganirako. Ariko abo babanyi bamaze igihe badafitaniye imigenderanire myiza muvya kidipolomasiya kuva aho ibitero vy’umuhari M23 vyiyongereye mu buseruko bwa RDC.

Congo yagiriza u Rwanda gushigikira uwo muhari. U Rwanda rwama rwahakanye ko rufasha abo barobeli, kandi narwo rukagiriza Congo gushigikira ababangamiye umutekano w’u Rwanda.

Perezida Kagame, kuri uyu wa mbere, yavuze ko ataco bimutwaye naho u Rwanda rutokwemererwa kuba mu nteko zo mu karere zizoja kurwanya abarobeli mu buseruko bwa Congo.

Congo yarashimye umuzo w’izo nteko ariko ivuga ko u Rwanda rutobamwo.