Abaperezida indwi b’igihugu bihurukiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, EAC, barahurira kuri uyu wa mbere i Nairobi. Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yavuze ko uyu mubonano utumbereye kuganira ku kibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo.
Iyi nama ije mu gihe imirwano ikomeye yongeye kuvyura urwanko hagati ya Repubulika ya demokarasi ya Kongo n’u Rwanda. RDC yagiriza igihugu kibanyi u Rwanda kugira uruhara mw’ivyuka ry’ibitero vy’umuhari w’abarwanyi, M23.
U Rwanda rwama rwahakanye ko rufasha abo barobeli, mu gihe ivyo bihugu vyama vyagirizanije guterana hagati yavyo.
Perezidanse ya Kenya yavuze ko abenegihugu bo mu buseruko bwa RDC basinzikajwe n’izo ntambara kandi babandanya gutakaza ubuzima, amatungo yabo hamwe n’amahoro.
Ku musi wa gatatu w’indwi iheze, perezida wa Kenya yasavye ko inteko z’akarere ka EAC zishirwaho vuba zikarungikwa mu buseruko bwa Kongo kugarukana amahoro. Ariko Kongo yavuze ko itazokwemera ko abasirikare b’u Rwanda baja muri izo nteko.
Perezida wa RDC, Felix Tshisekedi yagirije u Rwanda kuba ruriko rurondera kwigarurira igihugu ciwe gitunze ubutare bw’inzahabu, cobalt, na Coltan. Yasavye amakungu kwihanikiza u Rwanda n’ivyo rukora mu guhungabanya umutekano w’igihugu ciwe.
@AFP
Facebook Forum