Somaliya: Abishwe n'Ibitero vya Al-Shabab Bashitse kuri 48

Abavukanyi n'abategetsi ba reta ya Somaliya basengera ikiziga ca Amina Mohamed Abdi, yishwe n'igitero c'umwiyahuzi i Beledweyne, ku kibuga c'indege c'i Mogadishu, Somaliya,

Perezida w’intara ya Hirshabelle yo muri Somaliya avuga ko abantu batari bake bishwe ku musi wa gatatu mu bitero vyabareye mu gisagara ca Beledweyne, kandi mu bapfuye harimwo umushingamateka wa Somaliya. Abandi bantu batari bake barishwe igihe abarwanyi ba Al-Shabab batera ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru wa Somaliya.

Perezida w’intara ya Hirshabelle, Ali Gudlawe yavuze ko abantu 48 ari bo bamaze kumenyekana ko bishwe n’abandi 108 bakomeretse.

Ibi bitero vyatanguye igihe umwiyahuzi akenyereyeko ibombe yayituritsa iramuhitana ari ahari icicaro ca reta. Mu nyuma uwundi mwiyahuzi yatwaye imodokari itezwemwo bombe agonga abantu bari bakoranye bariko barafasha abakomerekeye mu gitero ca mbere. Mu kindi gitero, abagabo babiri bafise inkoho bararashe ku kibuga c’indege c’i Mogadishu ku musi wa gatatu, bica abantu batandatu imbere yuko nabo bicwa n’abajejwe umutekano.

Umuhari w’iterabwoba al-Shabab wemeye ko ari wo ubazwa ivyo bitero muri ivyo bisagara bibiri.

Perezida w’intara ya Hirshabelle, Gudlawe yavuze ko iki ari igitero ca mbere c’ubunyamaswa igisagara Beledweyne kibonye kandi cateye ubwoba igisagara cose.