Uko wahagera

Somaliya: Igitero c'Abihevyi Cahagaritse Uruja n'Uruza rw'Indege


Ikibuga c'indege co muri Somaliya
Ikibuga c'indege co muri Somaliya

Abasirikare ba Somaliya uyu musi ku wa gatatu bishe barashe abantu babiri bitwaje ibigwanisho bariko bagerageza kwinjira mw’ikampi iri hafi y’ikibuga c’indege ku murwa mukuru Mogadisho.

Inkuru yatangajwe mu gitondo ca kare yavuga ko abasirikare b’igihugu batanye mu mitwe n’umurwi w’iterabwoba wari winjiye ku nguvu muri iyo kambi, ugaca utangura kurasa. Mu nyuma iradiyo y’igihugu yaciye itangaza ko abagizi ba nabi babiri bahagaritswe batararenga urugi rukuru rw’iyo kampi.

Umurwi w’iterabwoba al-Qaida ukorana n’umurwi al-Shabab wama wakoze ibitero mu gihugu ca Somaliya, watangaje ko ari wo wakoze ico gitero. Iyo kambi icumbitswemwo n’abasirikare b’Ubumwe bwa Afrika ( AMISOM) n’abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bajejwe gucungera umutekano. Kubera iyo ngwano yabereye hafi y’ikibuga c’indege, uruja n’uruza rw’indege rwabaye rurahagarikwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG