Uko wahagera

Bombe Yatezwe mw'Ibarabara muri Kenya Yahitanye Abagera Kuri 10


Bamwe mu bakomerekejwe na Bombe yatezwe kw'ibarabara muri Kenya
Bamwe mu bakomerekejwe na Bombe yatezwe kw'ibarabara muri Kenya

Abantu batari musi ya 10 bapfuye igihe imodoka barimwo yaca kuri bombe kw'ibarabara rikuru hanze y'igisagara ca Mandera, muri Kenya uno musi ku wa mbere.

Mandera ni igisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ivyerekeye igitigiri c’ukuri c’abantu bari muri iyo modoka nticari kizwi. Ababonye ivyabaye bavuga ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera kubera hari abakomeretse bikomeye.

Igipolisi cikeka ko iyo bombe yatezwe n’intagondwa z’umurwi al-Shabab zikorera mu karere ko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya. Zinjira muri Kenya zivuye mu gihugu kibanyi ca Somaliya.

Intagondwa z’umurwi al-Shabab ziragirizwa ibitero nk’ivyo mu karere kegereye urubibe na Somaliya. Ivyo bitero biba ku nteko zijejwe umutekano n’abasivile. Raporo y’igipolisi kuri iyo bombe imenyesha ko abayiteze bahunze batera bagana urubibe Kenya ihana na Somaliya. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG