Uko wahagera

Abashika 7 Bishwe n'Ibitero vya Al-Shabab muri Somaliya


Abaporisi ba Somaliya bakorera i Mogadishu, Somaliya, kw'itariki ya 23/03/2022
Abaporisi ba Somaliya bakorera i Mogadishu, Somaliya, kw'itariki ya 23/03/2022

Muri Somaliya, abantu hafi indwi barishwe mu bitero bibiri ku musi wa gatatu, ibitero umuhari w’iterabwoba al-Shabab wemanze ko ari wo ubibazwa.

Abo bantu bishwe igihe abagabo babiri bitwaje inkoho batereye ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Mogadishu gisanzwe gicungerewe cane. Igiporisi kivuga ko mu bapfuye harimwo umwenegihugu wa Somaliya hamwe n’abanyamahanga batanu.

Abo bagabo babiri bakoze ico gitero bahavuye bicwa n’abajejwe umutekano, nkuko bivugwa n’umuvugizi w’igiporisi Major Abdifatah Aden Hassan.

Hassan yavuze ko umwe muri abo banyamahanga yari umusirikare wo mu nteko z’ubumwe bwa Afrika ziri kubungabunga amahoro n’umutekano muri Somaliya zizwi nka AMISOM. Abandi bane bari abamenyereza muvya gisirikare bafasha reta ya Somaliya kwigisha ingene bategura ibisasu vyatezwe mu kuzimu.

Kuri ico kibuga c’indege niho hari icicaro ca AMISOM n’abatari bake mu badiplomate b’abanyamahanga bakorera i Mogadishu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG