ONU Irondera Imiriyoni z'Amadorali 205 zo Gufasha muri Etiyopiya

Bamwe mu bateshejwe izabo muri Etiyopiya

Ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi, HCR, ririko rirondera imiriyoni 205 z’amadorari yo gufasha abantu barenga umuriyoni umwe n’ibihumbi 600 bateshejwe izabo n’intambara yo mu buraruko bwa Etiyopiya.

Muri rusangi abamaze guta izabo bivuye ku ntambara yatanguriye mu ntara ya Tigre iri mu buraruko bwa Etiyopiya, mu nyuma igatandukira ubundi burere burimwo Amhara na Afar barenga imiriyoni 2. Iyo ntambara yatanguye haraheze amezi 16.

HRC ivuga ko abenshi mu bataye izabo begeranirijwe imbere mu gihugu muri Etiyopiya, mu gihe abababa ibihumbi 60 bashoboye guhungira muri Sudani. Shabia Mantoo avugira HCR yabwiye Ijwi ry’Amerika i Geneve mu Busuwise ko abateshejwe izabo nka bose bakeneye imfashanyo yihuta.

ONU yemeza ko ibice 40% vy’abanyagihugu ba Tigray baharurwa mu miriyoni 6 bugarijwe na kigoyi. Muri ivyo bice, abagera ku bihumbi 400 bafise inzara irengeje urugero.