Uko wahagera

USA Yahagaritse Etiyopiya, Mali na Gineya mu Masezerano ya AGOA


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Joe Biden
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Joe Biden

Reta zunze ubumwe z’Amerika zahagaritse Etiyopiya, Mali na Gineya mu masezerano y'ubucuruzi hagati ya Afurika na Amerika yitwa AGOA. Prezida Joe Biden yari yagabishije kuzovana ivyo bihugu muri ayo masezereno avyagiriza guhonyanga agateka ka zina muntu n’itembagazwa ry’ubutegetsi.

Amerika ivuga ko Etiyopiya yahonyanze agateka ka zina muntu bikabije mu ntambara iri muri Tigreya, mu gihe Gineya na Mali vyo bihorwa ihirikwa ry’ubutegetsi. Ivyagiriji ivyo bihugu vyose vyegekwako Amerika isigura ko binyuranye n’amategeko agenga AGOA.

Guhagarikwa muri ano masezerano ya AGOA bishobora kuzogira ingaruka ku butunzi bw’ivyo bihugu bivuye ku bidandazwa birimwo ivyo gukora impuzu vyatwarwayo bivanywe muri Amerika ata matagisi n’amakori arinze gushirwako.

Ubuserukizi bw’ivyo bihugu bitatatu i Washington DC ntaco buravuga ku bihano vyafatiwe. Mu kwezi kwa cumi na rimwe Joe Biden akigabisha Etiyopiya, umushikiranganji ajejwe ubucuruzi muri ico gihugu yari yavuze ko Amerika iramutse ivanye Etiyopiya muri AGOA vyoba bibabaje kandi vyogira ingaruka mbi ku bana n’abagore, bigasubiza inyuma ubutunzi bwari “bwarisununuye”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG