Reta ya Etiyopiya yavuze kuri uyu wa gatatu ko abasirikare bayo bigaruriye igisagara ca Alamata, kiri mu bumanuko bw’intara ya Tigre cari mu minwe y’abarwanyi b’iyo ntara. Ni intambwe ya mbere abasirikare ba reta bavuga ko bagize mu kwinjira muri iyo ntara yatabaguwe n’intambara kandi ni icizere ko hashobora kuba amahoro inyuma y’aho abarobeli basubiriye inyuma.
Umuhari Tigray People's Liberation Front, TPLF, uheruka gutangaza ko wavuye mu ntara za Amhara na Afar muri iyi ndwi, hanyuma ugahamagarira ihagarikwa ry’intambara, ntaco wavuze kuri ivyo vyavuzwe na reta.
Reta ya Etiyopiya yavuze ko inteko za yo zifadikanije n’izo mu ntara ya Amhara ziriko zerekeza mu gisagara ca Abergele aho muri Tigre nyene.
Naho bitaremezwa, kubona inteko za TPLF zaravuye mu ntara za Amhara na Afar, vyatanze ivyizere ko hashobora kuba ibiganiro vyo kurangiza iyo ntambara imaze amezi 13. Iyo ntambara yahitanye abantu ibihumbi abandi bari mu kaga k’inzara.
Facebook Forum