Uburusiya mu Nama yo Kwemera Ukwikukira kw'Intara Zishaka Kwiyonkora kuri Ukraine

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yakoranije uno musi ku wa mbere abategetsi bakomeye b'ico gihugu kugira bihweze ivyerekeye kwemera ukwikukira kw'intara zishaka kwiyonkora kuri Ukraine ziri mu buseruko bw'igihugu.

Ni ingingo ishobora kwongereza icuka kibi kihari hagati y’Uburusiya n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi mu gihe hari impungenge zikomeye ko Uburusiya bushobora gutera Ukraine umwanya uwo ari wo wose.

Inama y’urwego rw’igihugu rujejwe umutekano ibaye mu gihe hari ugutana mu mitwe kuriko kuriyongera mu buserukdo bwa Ukraine. Ibihugu vyo mu burengero bw’isi bibona ko Uburusiya bushobora kubikoresha nk’icitwazo c’ugutera ico gihugu. Vya muzinga vyabandanije kwasana uno musi ku wa mbere mu ntambara imaze igihe hagati y’inteko za Reta ya Ukraine n’abashaka kwiyonkora kuri ico gihugu bashigikiwe n’Uburusiya.

Abategetsi b’inteko zishaka kwiyonkora basohoye uno musi ku wa mbere amatangazo kuri televiziyo asaba Putin kwemera intara zabo ko ari amareta yigenga hamwe n’ugutera igikumu ku masezerano ya kivandimwe agenewe kubaha imfashanyo ya gisirikare kugira bikingire ivyo bavuga ko ari ibitero bibandanya vy’igisirikare ca Ukraine. Inama nshingamateka y’Uburusiya yabisavye mu ndwi iheze.

Abategetsi ba Ukraine barahakana ko bariko barakora ibitero. Bagiriza Uburusiya ko buriko burasomborotsa intambara mu gihe vya muzinga bibandanya kwasana mu bice bitandukanya inteko za reta n’abarwanyi bashaka kwiyonkora kuri Ukraine mu buseruko bw’igihugu. (AP)