Uko wahagera

Ukraine Ihakana ko ata Gitero Yakoze mu Burusiya


Anton Gerashchenko
Anton Gerashchenko

Ukraine yahakanye uno musi ku wa mbere ivyatangajwe n'Uburusiya ko inteko zayo zinjiye ku butaka bwabwo kuhakorera igitero. Anton Gerashchenko, umutegetsi wo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri Ukraine, yabwiye abamenyeshamakuru ko ata musirikare n’umwe w’igihugu ciwe yinjiye ku butaka bw’Uburusiya, kandi ko ata n'umwe yishwe. Uburusiya bwo bumenyesha ko abasirikare 5 b’ico gihugu biciwe ku butaka bwabwo.

Ukraine itangaza ko amakuru avuga ko inteko zayo zari mu ntara ya Rotsov aho zoba zari zigiye gukora ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi ari ibinyoma.

Abategetsi b’ibihugu vyo mu burengero bw’isi baragabisha ko prezida w’Uburusiya, Vladidmir Putin, ariko arondera icitwazo kugira atere igihugug ca Ukraine kirangwa na demokrasi.

Abategetsi b’Uburusiya barahakana ko bafise imigambi y’ugutera ico gihugu. Yamara bashaka ko ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN ribahumuriza ko ritazorekurira Ukraine hamwe n’ibindi bihugu vyahoze ari ivy’abasoviyete kuryinjiramwo.

Basavye kandi iryo shirahamwe guhagarika kurungika ibirwanisho muri Ukraine hamwe n’ugukura inteko zaryo mu bihugu vyo mu Bulaya bwo mu buseruko. Ivyasabwe n’abategetsi b’Uburusiya vyariyamirijwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG