Ambasade ya Reta zunze ubumwe za Amerika i Moscou mu Burusiya yagabishije abanyamerika kuri uyu w’Imana ko hashobora kuba ibitero mu bibanza bihuriramwo abantu benshi mu Burusiya. Mu bibanza bizoterwa ngo harimwo kandi n’akarere kegereye urubibe na Ukraine aho Uburusiya bwarundanirije abasirikare.
Ambasade yavuze ko amakuru ava mu bimenyeshamakuru atavuze amazina yemeje ko hari ubwoba ko ibibanza birimwo amaduka, ibibanza vyo gutegereramwo amatereni, hamwe n’ibindi bibanza vyo mu murwa mukuru no mu gisagara ca Saint Petersburg bishobora kuzoterwa.
Ibihugu vyo mu burengero bw’isi bimaze ikiringo c’indwi bigabisha ko Uburusiya bushobora kuba buriko burategura igitero ku gihugu kibanyi Ukraine cahoze muri Repubulika y’abasoviyeti. Vyagiriza Uburusiya kuzokwigabako ibitero kugira buronke icitwazo co gutera Ukraine.
Ambasade ya Amerika i Moscou yabwiye abanyamerika bari mu Burusiya kwirinda kuja mu bibanza bikoraniramwo abantu benshi kandi ko botangura kwiyumvira inzira zo kuzokwivana mu gihugu, batoshira umutima ko reta ya Amerika izoza kubatabara.
Facebook Forum