Amakungu abandanya kugabisha Uburusiya abubwira ko buhirahiriye bugatera Ukraine bokwimba bwigera: Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Boris Johnson yatangaje uno musi ku wa Mungu, ko Uburusiya bukavogera Ukraine, buzofatirwa ibihano bikarishe mu vy’ubutunzi. Ivyo bihano Ubwongereza buvuga ko bitazoba vyega Prezida Vladimir Putin na basoma mbike biwe gusa, ahubwo bizofata inganda n’amashirahamwe ngirakamaro ku Burisiya.
Boris Johnson yavuze ko Ubwongereza bufatikanije n’"Umugenzi wabwo Amerika" buzobuza ko Uburusiya bushorera kw’isoko ryabwo n’iry’Amerika, bukanaburizamwo ko bukoresha amadorali y’Amerika n’amapawundi y’Ubwongereza.
Ubwongereza buvuga ko ari ngombwa ko bumera magabo kuko Putin yiteze gutera Ukraine. Bufatira ku majambo Prezida Putin yatangaje yumvikanisha ivyifuzo vyiwe vyo kwigarurira uburere bumwe n’ubundi burimwo agaherereyemwo Ukraine, nkuko vyahoze kera.
Ku ruhande rw’Ubufaransa, ibiro vya Prezida Emmanuel Macron vyemeje ko Prezida Macron yagiranye ikiganiro kuri terefone na Putin, kandi ko bizera ko ico kiganiro kizotuma Uburusiya budasotora Ukraine. Ni ikiganiro kibaye inyuma y’indwi zibiri Macron akoze urugendo i Moscow rwo kuja kugondoza Uburusiya kutavogera Ukraine.
Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya ubicishije ku mu komiseri wawo mukuru, wavuze ko Uburusiya bugahirahira bugatera Ukraine, bizowusaba ikiguzi kinini co kwivana mu ngaruka mbi zizokurikira.
Prezida wa Ukraine we yasavye Putin ko bokwicarana bakaganira agira ati: “ Sinzi ico Prezida w’Uburusiya yifuza, duhuye tukarabira hamwe umuti wofatwa vyoba vyiza.”Hagati aho, Autriche, Ubufaransa, Ubudagi vyiyongeye ku bihugu bimaze gusaba abanyagihugu bavyo kuva muri Ukraine. Amerika yo yemeza ko umwanya n’umwanya Uburusiya butera Ukraine.
Facebook Forum