Uko wahagera

Burkina Faso: Abasirikare Bemeje ko Batembagaje Ubutegetsi bwa Kabore


Ahakorera Radiyo na Tereviziyo vya Reta muri Burkina Faso
Ahakorera Radiyo na Tereviziyo vya Reta muri Burkina Faso

Abasirikare muri Burkina Faso bemeje ko bavanye ku butegetsi Prezida Roch Marc Christian Kabore. Mu butumwa bavugiye kuri tereviziyo y’igihugu, abasirikare barenga 12 bavuze ko ubutegetsi bwa Kabore bwatembagajwe ata ruhagarara rubaye. Bavuze kandi ko ubu ivy’ igihugu vyose bibazwa bo.

Mu vyo Prezida Prezida Kabore azize, harimwo kuba “Yarananiwe guteza imbere ubumwe bw’abanyagihugu ba Burkina Faso no kuba atatoye umuti w’ibibazo vyugarije igihugu ciwe” nkuko abamuvanye ku butegetsi babivuga. Umugambwe wa Kabore, nawo ku rundi ruhande watangaje ko yahatswe kwicwa, naho utavuze ryari yasimvye urupfu, n’abagirizwa guhakwa kumugandagura.

Kapitene Sidsore Kaber Ouedraogo yasomye itangazo, yasiguye ko abahiritse ubutegetsi bagiye gushiraho ikiranga minsi co gutunganya amatora “kizohurizwako na bose”. Abasirikare bameje ko batembagaje ubutegetsi bwa Prezida Kabore inyuma y’amakuru yari amaze umwanya ariko arahanahanwa avuga ko mu micungararo y’ingoro y’umukuru w’igihugu i Ouagadougou humvikanye amasasu atari make. Ivyahononekariye Ijwi ry’Amerika ntaco rirabimenyako.

Hagati aho, kugera ino saha aho Prezida Roch Marc Christian Kabore ari ntiharamenyekana. Gusa, hari ayandi makuru yatangajwe mu gatondo avuga ko afunganywe ic’amaso na bamwe mu bagize Reta yiwe. Ubutumwa bwashizweko umukono n’umwe mu ntwazangabo za Burkina Faso yitwa Coloneli Paul-Henri Sandaogo Damiba bwavuga ko we n’abo bafunganywe bari mu kibanza gitekanye. Ubwo butumwa ntibwigeze yamara butomora ico kibanza ico ari co.

Ku rundi ruhande, ubutumwa Prezida Roch Marc Christian Kabore yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, hakiri igifungu mu biriko biraba, bwahamagarira abanyagihugu muri Burkina Faso gutekana, bugira buti: “ Igihugu cacu kiri mu bihe bitoroshe. Dutegerezwa kubumbatira demokarasi yacu. Ntumiye abafashe ibirwanisho kubishira hasi ku nyungu z’igihugu. Ibiganiro no kwumvikana ni vyo vyonyene bishobora gutorera inyishu ivyo tudahurizako.” Abakurikira kuri Twitter Prezida Kabore, bakurikije ubwo butumwa ibibazo vyinshi bibaza niba vy’ukuri ari we yabwanditse canke bwanditswe n’abandi.

Burkina Faso kuva mu 2015 ihanganye n’imirwi y’iterabwoba ishamikiye kuri al-Qaida n’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu. Avanywe ku butegetsi inyuma y’ibihuha bimaze indwi zitari nke bivuga ko yegujwe inyuma y’igitero c’iterabwoba cahitanye abasirikare 49. Ico gitero cakurikiwe n’ingingo ya Kabore yo kwirukana bamwe mu bagize Reta n’indongozi za gisirikare mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze.

Kudeta ya Burkina Faso igize iya gatatu ibaye mu kiringo c’amezi 18 mu karere ka Afurika y’uburengero ico gihugu giherereyemwo: Ikurikiye iyakozwe muri Mali na Gineya. Mu bamaze gutera ivyatsi ihirikwa ry’ubutegetsi bwa Prezida Roch Marc Christian Kabore, harimwo umuryango w’Ubumwe bw’Afurika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG