Igisirikare ca Burkina Burkina Faso catangaje ko cishe abarwanyi 100 mu ngwano categuriye hamwe n’abasirikare b'igihugu ca Nijeri hagati y'italiki 25 y'ukwezi kw'icumi na rimwe n'italiki 9 y'ukwezi kw'icumi na kabiri mu bice biri ku buribe ivyo bihugu bihana.
Iyo nkuru yatangajwe n’igisirikare c’ico gihugu. Kimenyesha ko inteko ibihumbi n’ibihumbi z’ivyo bihugu vyompi zarungitswe ku rubibe bisangiye. Inteko z’ivyo bihugu zarahagaritse abantu bagera kuri 20 bikekwa ko ari abarwanyi, zifata inkoho n’amapikipiki amajana n’amajana, zongera zisambura hafi y’amabombe 15.
Ni incuro ya kabiri y’ibikorwa nk’ivyo vyiswe, “Taanli” vyatanguye mu kwezi kwa gatandatu, ivyo bihugu bikoreye hamwe. Abasirikare 4 ba Burkina Faso barishwe, abandi 9 barakomereka muri ivyo bikorwa vya gisirikare igihe baca kuri bombe yari yatezwe mu ntara ya Komandjari.
Intagondwa z’abayislamu zikorana n’umurwi al-Qaida hamwe na reta ya kiyislamu zimaze igihe zikora ibitero mu bihugu vya Burkina Faso, Nijeri n’igihugu bihana urubibe ca Mali. Zishe abasivile ibihumbi n’ibihumbi, abandi bagera ku miliyoni zibiri barava mu zabo mu kiringo c’imyaka mikeyi irangiye.
Zarishe kandi abasirikare batari bake muri ivyo bihugu. Mu kwezi guheze zishe abantu 53 ku kirindiro c’ikijandarme muri Burkina Faso. Kuva ico gihe abandi basirikare batari bake barishwe mu bitero bitandukanye vyabaye.
(Reuters)
Facebook Forum