Ikerene yemeye gukorana ibiganiro n’Uburusiya ku mupaka wa Biyerorusiya. Ikerene yemeye ibi biganiro mu gihe Perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine yasavye abasirikare bakoresha ibirwanisho ruhonyanganda vya Nikleyeri kugaba bakitegura ico yise urugamba.
Perezida Vladimir Poutine yabwiye umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi mu Burusiya ko ibihugu biri mw’ishirahamwe OTAN vyasohoye amatangazo yise “ ay’agasomborotso”, vyongera bifatira Uburusiya ibihano bikarishe.
Jenn Psaki, umunyamabanga mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vya Prezida w’Amerika nawe yabwiye tereviziyo nyamerika, ABC News, ko Poutine abandanya kurementanya abeshera impande zitandukanye ko zimubangamiye, kugira aronke aho ashingira mu kubandanya agasomborotso n'intambara. Psaki yagize ati: “OTAN ntiyigeze ibangamira Uburusiya, Ikerene ntiyigeze ibangamira Uburusiya.”
Prezida wa Ikerene, Volodymyr Zelensky, yemeye ko aza kurungika intumwa ziwe ku mupaka wa Biyerorusiya mu biganiro vy’amahoro n’Uburusiya avuga ko ata co aza gusaba kugira ivyo biganiro bibe. Perezida Zelensky yaheruka kuvuga ko yiteze kuganira n’Uburusiya, ariko ko ivyo biganiro bidashobora kubera ku mupaka wa Biyerorusiya, kuko ico gihugu “cakoreshejwe mu gutera Ikerene”.
Hagati aho, ambasaderi wa Ikerene muri Amerika, Oksana Markarova, yashimangiye ko Ikerene yipfuza kuganira n’Uburusiya, ariko ivyo kwishikana bitarimwo, kandi ko Reta yiwe yitwariye Uburusiya muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha vy’intambara.
Ambasaderi Markarova mu kiganiro na ABC yavuze ko Uburusiya buriko bukoresha za misile mu kubomagura inyubako zitandukanye zirimwo amabarabara, ibitaro n’amashure. Intambara Ikerene yatanguye ku wa kane ibandanya mu gihe abasirikare b’Uburusiya bahiga kwigarurira umurwa mukuru wa Ikerene, Kiev, n’ibindi bisagara.
Facebook Forum