Uko wahagera

Iperereza Kuri Trump

Sorry! No content for 21 Ugushyingo. See content from before

20-11-2019

Calendar
Ugushyingo 2019
Ku cyumweru Ku wa mbere Ku wa kabiri Ku wa gatatu Ku wa kane Ku wa gatanu Ku wa gatandatu
27 28 29 30 31 1 2
3 4 5 6 7 8 9
10 11 12 13 14 15 16
17 18 19 20 21 22 23
24 25 26 27 28 29 30
Ambassaderi Gordon Sondland
Ambassaderi Gordon Sondland

Muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, umurwi w’abashingamateka ujewe iperereza uriko urumviriza umwe mu bategetsi bakomye afise ico ashikiriza ku bijanye n’ibirego vyagirizwa Prezida Donald Trump.

Prezida Trump yagirizwa ko yakoze ibishobotse vyose kugira ngo ahimirize igihugu ca Ukraine kugira gitohoze ivyaha vyikekwako abanyapolitike batavuga rumwe nawe.

Ambasaderi aserukira Reta Zunze Ubumwe z’Amerika mu bihugu bigize ishirahamwe rya Bulaya, Gordon Sondland, ni we abaye isura ya mbere yari afise umurongo wa terefone avuganirako na Prezida Trump bidaciye ku bandi bantu, ashikirije ku mugaragaro ivyo azi ku birego vyagirizwa Trump, muri iryo tohozwa rirongowe n’abademokrate.

Nk’uko ayandi masura yabishikirije, Sondland yaravuganye na Prezida Trump akatari gake kuva hagati mu kwezi kw’indwi gushika hagati mu kw’icenda.

Muri make, Sondland ariko avuga ko Prezida Trump hamwe n’abandi bafasha biwe, bagize uruhara mu guhimiriza igihugu ca Ukraine ngo gitangure itohoza kuri Joe Biden, umunyapolitike bashobora kuzohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe umwaka utaha. Joe Biden yarigeze kuba visi prezida w’Amerika.

Jennifer Williams, akora mu biro kwa Visi Prezida Mike Pence na Lieutenant Colonel, Alexander Vindman, umutegetsi mukuru mu biro vy’akanama k’igihugu kajejwe umutekano
Jennifer Williams, akora mu biro kwa Visi Prezida Mike Pence na Lieutenant Colonel, Alexander Vindman, umutegetsi mukuru mu biro vy’akanama k’igihugu kajejwe umutekano

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umurwi w’abashingamateka ujejwe iperereza, uyu musi ku wa kabiri uriko urumviriza abategetsi batari bake bakora muri perezidansi y’Amerika.

Abo bategetsi bari mu bumvirije ikiyago cabaye kuri telrfone hagati ya Prezida wa Amerika, Donald Trump hamwe na Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky.

Jennifer Williams, akora mu biro kwa Visi Prezida Mike Pence nk’umufasha wiwe, hamwe na Lieutenant Colonel, Alexander Vindman, umutegetsi mukuru mu biro vy’akanama k’igihugu kajejwe umutekano banonosoye ibibazo vyerekeye igihugu ca Ukraine. Bompi ni bo bariko barashikiriza abashingamateka ivyo bazi ku birego vyagirizwa Prezida Trump.

Jennifer Willimas na Lieutenant Colonel Vindman batangaje ko batewe amakenga n’ico kiyago cabaye kuri terefone hagati y’abo bategetsi.

Ico kiyago ni co catumye Trump yagirizwa ko yariko arahimiriza abategetsi barongoye igihugu ca Ukraine, ngo batangure itohoza ku munyapolitike, Joe Biden, yahoze ari visi prezida wa Amerika, bashobora kuzohiganwa mu matora ategekaniwe mu mwaka w’2020.

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG