Umukandida Donald Trump w’aba Republikani ahejeje gutangazwa ko ari we yatahukanye intsinzi mu matora y’Umukuru w’Igihugu ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Donald Trump, yaciye afata ijambo adatevye, amenyesha ko Umukandida Hillary Clinton yamuhamagaye kw’iterefone akamukeza..
Umurongozi w'imyiyamamazo muba Demokrate, John Podesta, asavye abanywanyi ibihumbi bari barindiriye ijambo ry'umu kandida Hillary Clinton gutaha, bakarindira aho bukera mu masaha yo mu gitondo hano muri Amerika, ko ariho Hillary aza kugira ico avuze.
Umukandida Donald Trump n’umuryango we batora mu gace ka Manhattan mu mujyi wa New York.
Umutekano wakajijwe cyane mu mujyi wa New York kuko abakandida perezida, Hillary Clinon na Donald Trump, ari ho baza kuvugira ijambo rya nyuma uwatowe amaze kumenyekana.
Voma ibindi